Ikiza c’umugera wa Coronavirus gishobora guhitana abantu bagera ku bihumbi 190 muri Afrika
Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONI bijejwe kwitaho amagara y’abantu, OMS, vyatangaje ko mu mwaka wa mbere, ikiza c’umugera wa corona virus gishobora guhitana ubuzima bw’abantu bari hagati y’ibihumbi 83000 n’bihumbi 190 ku mugabane w’Afrika, mu gihe ico kiza kitotuzwa.
OMS ikavuga kandi ko ico kiza gishobora kuzokwandukira abanyagihugu bo muri Afrika bari hagati y’imiliyoni 29 n’imiliyoni 44 nkuko Matshidiso Moeti yabimenyesheje. Ivyo biharuro bishikirizwa na OMS bikaba kandi vyisunze icigwa cakozwe muri Afrika muri iki gihe umuti w’ico kiza utaraboneka, nk’uko umukuru wa OMS muri Afrika, Matshidiso Moeti, yabibwiye abamenyeshamakuru.
Ibihugu vyinshi muri Afrika vyarafashe ingingo zo gukumira no kugwanya ico kiza. Izo zirimwo kwugara ibibanza vy’indege, kubuza abantu benshi gukoranira mu kibanza kimwe, hamwe no kubuza uruja n’uruza bumaze kugoroba mu ntumbero yo kugwanya ico kiza.
Tubibutse ko naho ibihugu bitari bike vyo muri Afrika vyafashe ingingo zikomeye cane zo gushobora gutuma abarundi bagingirwa, Leta y’uburundi yoyo nta ngingo nimwe yigeze ifata ishobora gutuma abarundi birinda canke ngo bikingire ico kiza c’umugera wa corona virus, ahubwo leta y’uburundi yoyo yabandanije gufata ibisanzwe ivyerekeye uyo mugera kuko bitayibujije gushobora kuja mubijanye no gutunganya amatora yo muri rusama 2020 ayo nayo akaba atuma abarundi bose bahurira hamwe.
Abenshi bakaba babona kpo ibara rishobora kurwa mu burundi nkiryaguye mu bihugu bikomakomeye nk’Ubutaliyano, Ubufrasa, Amerika, Ubushinwa n’ahandi.
Inkuru ya Tresor Igiraneza