• Home
  • ACTUALITÉS
  • Biriko biravurwa ko umugera wa Coronavirus umaze gushika mu bisata bitandukanye vy’igihugu

Biriko biravurwa ko umugera wa Coronavirus umaze gushika mu bisata bitandukanye vy’igihugu

Mugihe reta y’uburundi ibandanya gutegura amatora azoba kw’igenekerezo rya 20/5/2020, umugera wa corna virus bise COVID19, ikiza c’ingwara yatanguriye mugihugu c’ubushinwa muri kigarama 2019, kiguma gishwara mubisata bikoreramwo abantu benshi mu gihugu c’uburundi naho leta y’uburundi ibandanya kubinyegeza.

Akarorero akaba ari ako muri kaminuza y’uburundi aho inyuma yaho umuyobozi w’igisata c’ubuganga (Médecine) afatiye ingingo zo kwirinda uwo mugera wa CORONAVIRUS kubasoma ibitabo birangiza amashure, mu gihe hari habonetse umunyeshure yari yaraye apimwe uwo mugera yiga muri Campus Rohero.

Hakaba rero hariko haravurwa ko no mubindi bisata bitandukanye vyoba bimaze gufatwa. Ahamaze kuvugwa akaba ari mwicapiro ry’ibitabu PACOBU, clinique Prince Louis Rwagasore, OBR, sentare nkuru ya Ntahangwa na kaninuza hamaze gutorwa umunyeshure ayigwaye.

Amakuru ashikira iradiyo Haguruka akamenyeshako abagwaye COVID19 bavurigwa mumihana yabo kandi ko n’abiketswe benshi bagumizwa muhira. Uwuterefonye kuri 117 aho kuza abaganga baza gupima umugwayi yiketswe bikavugwako haca haza igipolisi kibuza abaho bose kuva mumazu. Akarorero akaba ari imiryango 2 yo mu kinanira igire ikwize indwi yugarijwe n’abapolisi kubera umuntu yahashikiye avuye muri congo, hamwe n’imiryango 7 yo mu kinama imaze indwi irenga nayone icungerewe.

Aho ni mugihe ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu butagishikiriza amakuru yerekeye ico kiza nk’uko mu bindi bihugu vyo kw’isi babikora kumunsi kumunsi canke ngo leta ifate ingingo zihambaye zo kurinda abantu kwandura ari benshi nko kwugara amashure, guhagarika amakoraniro y’abantu benshi, amasegero, inkino z’imipira n’imanza zihuza abantu benshi.

Bikavugwako benshi bamaze guhitanwa n’ico kiza kukubura uwubavura n’abivuza bakankirwa gupimwa  kandi babona ibimenyetso ndetse na Therence Sinunguruza yahoze ari icegera c’umukuru w’igihugu bikaba bimaze kuvurwa ko ariyo yoba yaraye imwishe aho yapfiriye muhira iwe ku Mutanga Nord. Tubibutse ko no mw’ibohero rikuru rya Bujumbura benshi bita ku mpimba ko hari abanyororo bagera kuri 3 bamaze guhitanwa niyo ngwara.

Icokiza gifata abantu bakorora, bashuha, bameneka umutwe, babira intuguta nyinshi, bacika intege hakaba n’abazibira mumazuru ntibamoterwe ndetse nabatakaza kwumva akanovera kivyo barya kikandukira mugukora kumuntu agwaye.

Mukwirinda CORONAVIRUS, ni kwirinda kukuramukanya mukoranako, kwirinda kwegera abantu hari abantu benshi, gusiga imetero hagati y’abantu babiri no gutabaza abaganga iyo habonetse uwikekwako ibimenyetso.

Inkuru ya Tresor Igiraneza

Partager cet article !