Alexis sinduhije arongoye umugambwe MSD amenyesha yuko batazopfa bemeye ibizova mu matora yimirije
Mugihe Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza agabisha bamwe mu banyepolitike ngo bashaka kuzokonona amatora, Umukuru w’umugambwe MSD Alexis Sinduhije wewe ararahira akarengwa ko batazopfa bemeye ibizova muri ayo matora uko bizogenda kose.
Mu butumwa Alexis Sinduhije yacishije mw’ireresi yarungikiye Abanywanyi n’Abarundi bose yagize ati:
“Arya matora mu mugambwe MSD ntituyemera nagatoya kuko ni amatora adakwije ibijanye n’amategeko. Ni amatora mu bisanzwe CNDD-FDD yiteguriye kugira ngo igume kubutegetsi imyaka yindi irenga 30. Ivyo navyo ntituzovyemera naho bazotwica, naho bazotwangaza, naho bazobandanya badupfunga canke baturenganya, ntituzohagarika guhangana n’intwaro ya CNDD-FDD kugezaho tuzoyikura tukayirandurana n’imizi ako kazi ntizogahagarika na rimwe. Kuko ziriya ntwaro nkazirya za CNDD-FDD nitwaro zishimikiye ku nguvu ku gikenye n’intwaro za gisirikare. Intwaro rero nkazirya za gisirikare zivyara kwica, zikavyara kwangaza, zikongera zikavyara ubukene nta nikindi kintu zikorera abanyagihugu”.
Uwo munyepolitike akagiriza Umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure n’abasirikare kuba aribo bakorera amahano Abarundi akagira ati:
“Hari Abasirikare, hakaba umugambwe CNDD-FDD na zirya mbonerakure, ico bakora niki, barica, baranyaga, bararenganya, barasahura nta nikindi bakora rero zirya ntwaro dutegerezwa kuzirwanya kugeza aho tuzirandurana n’imizi. Nico gituma rero ariya matora tudashobora kuyemera kuko ni amatora barondera gukora bonyene bakumiriye abandi bose, bakayategura ari bonyene kugira ngo baze bayatsinde”.
Alexis Sinduhije akemeza ko amatora yahejeje kwibwa aho avuga ko Abasirikare aribo batoye uwuzosubirira Nkurunziza Petero ati:
“Uriya Ndayishimiye baranavuga yuko yamaze gutsinda ko guharura bahejeje, ko hasigaye gusinya no kuvuga uwatsinze. Uwatsinze birazwi, uwo bazovuga urya ndayishimiye ntazotorwa n’abanyagihugu yaramaze gutorwa n’abasirikare kuko turabizi neza, Abasirikare nabo nyene barabizi yuko CNDD-FDD idashobora gutsinda amatora ubu ntiyigeze iyatsinda kuva mu 2010 si ubu rero yoyatsinda. Rero baca bakumira abanda bose kugira ngo bayatsinde twebwe ntayo tuzopfa twemeyekandi subu tugiye kubihindura”.
Uyo arongoye umugambwe MSD akaba abandanya atera akamo Impuzi hamwe n’abariko barirwanako aho avuga ati:
“Ku bintu vyinshi aba CNDD-FDD badukoreye ibi bibi birenze badukoreye uretse kutunyaga ubuzima harimwo kutwangaza no kudupfunga batuziza ivyiyumviro vyacu. Abarundi isinzi barahunze barataye izabo barataye ivyabo nababo barahunga bahungira mu bihugu mu bihugu bidukikije ibihugu bitandukanye vyo muri Afrika ibihugu bidukikije Urwanda, Congo, Tanzaniya hariho nabagiye muri Zambiya, hariho nabashitse muri sudani yamaja hepfo hariho n’abari muri Kenya. Uretse rero n’abandi bahungiye mu bindi bihugu ibihugu vya buraya n’ibindi. Nta kintu kibabaza nko guta igihugu cawe ntaco uba ufise ivyo rero ndabibizi ko bibabaza kandi birababaza cane ico rero n’ikibi kibi CNDD yadukoreye no kudupfunga rero”.
Sinduhije akizeza Impunzi n’Abarundi bose ko bariko barakora cane kugira ngo intwaro ya CNDD-FDD bayirandurane n’imizi nkuko avyivugira ati:
“Twebwe ku bitwerekeye muvyo turimwo irya ntwaro ya CNDD FDD tuzoyirwanya gushika aho tuyitsinda ntakinanira igihe nico gituma nagomba gusaba impunzi ko zokwihangana, ndumva cane umubabaro bafise, ndumva cane umwiheburo barimwo ubuhungiro burababaza ndabuzi ndi muribwo kuva n’imyaka myishi ndabumva cane ariko twihangane twese aho turi turwana turwanya umwiheburo kugira tubandanye turwanya irya ntwaro ya CNDD FDD gushikaho tuzobatsinda, ntakinanira igihe turazi neza ko tuzoyitsinda”.
Alexis Sinduhije arongera agatera akamo Abanywanyi b’umugambwe arongoye hamwe n’Abarundi bose ko kurwanya bivuye inyuma intwaro ya CNDD FDD:
“Nababwiye neza yuko CNDD FDD itigeze itorwa kuva mu 2010 nubu rero ntizotorwa CNDD yaratwivye amatora kuva mu 2010 nayandi yakurikiye mu 2015 ntiyatowe yabandanije yiba nubu CNDD FDD ntizotorwa kuko ntaco yamariye Abarundi muri iyi myaka yose imaze ku butegetsi kuko yarabasonzesheje Abarundi barashonje , ntamurundi arima ngo atere, nta murundi atera ngo yimbure, nta murundi yimbura ngwarye ivyo yimbuye vyose bija mu ma taxite mu makori, mu nda zabarya ba CNDD nyene abo mubona bagenda nama pete ajejeta abo mubona bagendera mu miduga myiza nta murundi n’umwe afise ubuxima bwiza abana ntibigeze baja kwishure abahejeje amashure nabo ntakazi bafise tureke rero nabatagize imana ngo bagende kwishure nta numwe afise akazi bose barakenye urumva ntacotuma rero CNDD FDD itorwa mbere baranavuga ko namabarabara yose yasivye. Ntacotuma rero CNDD FDD itorwa”.
Umukuru w’umugambwe MSD akaba yarasiguye umwihwezo wiwe ingene abona ivyerekeye amatora bizogenda ati:
“Rero ibizoba nuko CNDD FDD izosubira kwiba amatora nkuko yama ibigira rero baziba amatora mugabo ubu Abarundi kubera yuko bashegeshwe bose bazovyanka bazohagurukira rimwe bavyanke ariko rero ivyo tuzobona nibihe nuko abanya politique bazoca baronkeraho akaryo ngaho ngo bagende kwicarana na CNDD FDD kugira ngo ibahe ivyicaro ibandanye itwara mugabo ibahe ivyicaro itware mugabo ibandanye kudufungira abantu nabandi itarabarekura nagomba no gufatira ngaho akaryo kugira ngo abantu biwacu bose abanyamugambwe n’abandi bo miyindi migambwe bose bafunzwe bumve yuko tukibafise ku mjutima tutazopfa tubahevye rero izogira uko nyene isubire ipfunge abantu abanyepolitike nabo bagende bicarane nabo ngo barondere kumvikana kugira ibahe ivyicaro”.
Alexis Sinduhije mu guheraheza ubutumwa bwiwe akaba yarabwiye Abarundi n’abanywanyi b’umugambwe arongoye MSD uko bazobigenza umusi w’amatora:
“Nico gituma nashaka kumenyesha Abarundi n’aba MSD ibi bintu bibiri: ubwa mbere abanywanyi bose b’umugambwe MSD turabasavye kutaja muri aya matora kutaja gutora kuko ntituyemera nabivuze kandi ntanayo tuzopfa twemeye ariko aho bazoza kubarya umutima bakabatera ubwoba baraja gutora kuko atakundi bari bugire. Icakabiri turararitse abarundi bose n’aba MSD bose ko ibizova muri aya matora bohaguruka bakavyanka bakavyankira rimwe bose”.
Umukuru w’umugambwe MSD ashikirije ivyo mu gihe Petero Nkurunziza yaheruka kugabisha abanyepolitike bakora amakosa mu myiyamamazo ko igipolisi n’ubutungane batazobihanganira.
Petero Nkurunziza akabandanya amenyesha ko abajejwe umutekano n’ubutungane bamaze guhabwa amategeko akwiye ngo kugira bahane bihanukiriye aboyita ko boshaka gutoba amatora.
Mwomenya ko Agathon Rwasa, umwe mu banyepolitike asanzwe yagirizwa gukora ayo mabi ko ku ruhande rwiwe avunira akagohe inzego zitandukanye azisaba kutarwa mu mutego w’ubutegetsi.
Inkuru ya Igiraneza Tresor