Amashirahamwe atandukanye yarasavye Evariste Ndayishimiye kurekura abaharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe
Amashirahamwe atandukanye yarasavye Evariste Ndayishimiye agiye kurongora igihugu c’Uburundi kuva kuri uyu wa 18 Ruheshi 2020 kurekura abaharanira agateka ka zina muntu bapfunzwe.
Ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu akaba ari mubihugu vya Tanzania, Uburundi, ibihugu vy’iburaya n’ahandi. Muri ayo mashirahamwe bakaba bagaruka ku basanzwe bapfunzwe baharanira agateka ka zina muntu nka Germain Rukuki.
Mwomenya ko nka Germain Rukuki yaciriwe gufungwa imyaka 32 akirindiriye ko Reta y’Uburundi na cane cane Reta nshasha irongowe na Evariste Ndayishimiye ko yikubita agashi hama ikamutezurira.
Ayo mashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu kandi yaragarutse kw’ipfungwa ry’abamenyeshamakuru ba Iwacu bafunzwe bahorwa umwuga wabo wo kumenyesha amakuru baca basaba Evariste Ndayishimiye kuzobarekura.
Ishimwe Bernice