Human Rights Watch imenyesha ko Igenwa rya Guillaume Bunyoni Rishobora gutuma Agateka ka Zina Muntu kabandanya gutosekara
Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho agateka ka zinamuntu Human Rights Watch rivuga ko rifise impungenge ko ikandamizwa ry'abatavuga rumwe n'ubutegetsi rishobora gukomeza kubera Alain Guillaume Bunyoni yagizwe umushikiranganji wa mbere mu Burundi.
Iryo shirahamwe rikamenyesha ko mu myaka itanu iheze ari umushikiranganji w'umutekano abapolisi babonetse cane mu bikorwa vyo guhohotera abatavuga rumwe n'ubutegetsi ku rugero ruteye ubwoba cane. Bakabandanya bamenyesha ko ubuho agiye kuba ariwe arongoye ibisata nka vyose vy’igihugu ko ibintu bizoyangara gusumba.
Ariko naho biri uko Evariste Ndayishimiye umukuru w'igihugu, mw'ijambo ryiwe ahejeje kurahirira gushikira amabanga yo kurongora igihugu, yari yamenyesheje ko Uburundi butacigishwa ivyerekeye kubahiriza agateka ka zina muntu ngo ko bisanzwe biri mu mico n'imigenzo y'Abarundi.
Tubibutse ko Alain Guillaume Bunyoni yemejwe kuba umushikiranganji wa mbere ari ku rutonde rw’abantu bagera kuri 7 harimwo ibihangange mu gipolisi n’igisirikare, bafatiwe ibihano n’ibihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya hamwe na reta zunze ubumwe za Amerika. Muri ivyo bihano, harimwo kudahonyoza ikirenge muri ivyo bihugu no gufata amatungo yabo yose ari muri ivyo bihugu.
Ivyo bihugu bikaba vyagiriza izo ntwazangabo ko ziri mu bahohoteye agateka ka zina muntu mu Burundi kuva mu mwaka w’2015.
Igiraneza Tresor