Musitanteri wa Komine Buyengero aragirizwa n’abanyagihugu bo muriyo commune gupfungira abantu ubusa

Abanyagihugu bo muri commune Buyengero barataka batakamba ko inyamiramabi zikorera muri iyo commune zikora nkiziri mu kindi gihugu atari igihugu c’uburundi aho abituye izo nyamiramabi ngo zitunganirizwe ahubwo batabwa mu mvuto batabanje no kumvirizwa.

Akarorero ka hafi kakaba arako kwigenekerezo rya le17/08/2020 aho muri iyo commune abitwa: Tuyishemeze Tobias,Nyabenda Grodie, Mugisha, Gambagamba, Désiré ,na Sengiyaremye bari bituye inyamiramabi (OPJ) izwi kwizina rya Ntibaruhisha Gordien ngw'ibatunganirize ku caha bakorewe nimbonerakure yitwa Sabushimike Anicet hamwe n'abajewe intwaro barongowe n'umukuru wa secteur Gasenyi yitwa Kirimwabagabo Enock bagaca bapfungwa ikivunga bose uko bari baje kwitwara.

Intandaro yo kwitura abajejwe gutunganiriza abarenganijwe abo banyagihugu bagera kuri 6 hari kwigenekerezo rya 15/05/2020 aho bahohoterwa bagatako bagakubitwa bagirizwa ko bari mu mugambwe bwe CNL mbere bagirako babaca n’ihadabu ry’amafaranga agera ku 650.000fbu yo kugira ngo babareke ntibicwe ngo ataruko ngo bategerezwa guca bakorerwako mbere no kwicwa bakicwa.

Aho Evariste Ndayishimiye ashikiriye amabanga yo kurongora igihugu mbere agashikiriza ijambo ko umuntu wese yahohotewe yo kwitura inyamiramabi, Niho baca baja kwitura iyo nyamiramabi mu ntumbero yo kurondera ko yobakomoreza indishi y'amagara yabo aho bakubiswe bagashaya hamwe n'ama franga agera ku bihumbi 650.000frbu batswe nizo mbonerakure hamwe n'uwo mukuru wa secteur Gasenyi Kirimwabagabo Enock.

Abo banyagihugu 6 igihe bitura iyo nyamiramabi igenekerezo rya 17/08/2020 iyo nyamiramabi yitwa Ntibaruhisha Gordien yarabakiriye ibaha n’umutahe wokurengutsa uwurongoye iyo mbonerakure yitwa Sabushimike Anicet hamwe n'uwo mukuru wa secteur Kirimwabagabo Enock ko bategerezwa kwitaba igenekerezo rya 19/08/2020.

Nkuko bisanzwe abo batumweko baritavye hanyuma iyo nyamiramabi imaze kubumviriza mugihe yasa niyiriko iraheraheza icegeranyo cimburano zabo, baza babona agakete kanditseko amazina (4) kaje kava kwa musitanteri mushasha kavugako abo bane muri abo 6 musitanteri abakeneye abo nabo akaba ari: Tuyishemeze Tobias, Gambagamba, Mugisha na Nsengiyaremye, Iyo nyamiramabi Opj aca arabamurungikira nayo abagera kuri 2 bararekurwa baritahira. Ico Musitanteri yakoze yaciye atangura kubagiriza ko ngo bafise intumbero yo kugomba guhungabanya amatora narirya bari mu mugambwe CNL.

Abo banyagihugu uno munsi bakwije iminsi indwi 7 bavundiye mu gasho, badasambishwa, bakaba bavugako ikibabaje ngo mbere kinatangaje ngo n'ukubona umukuru w'gihugu avugako inyamiramabi ikoze dossier itazosubira guherera ngaho izoherera muri parake ariko uno musi dossier ikava ku nyamiramabi, igaherera kwa musitanteri canke mumugambwe uri kubutegetsi.

Abo banyagihugu bakongerako bati Umukuru w'igihugu yavuzeko atawosubira gufungwa ku wa gatanu ngo kugira yumvirizwe ku wambere, bakibaza nimba uyo Musitanteri yoba abigira nkana canke ko kwoba ari ugupinga n’umukuru w’igihugu mukunumya uwo wese yokubahuka gushengeza umutegetsi w'umu CNDD-FDD.

Abanyagihugu bo muri iyo commune bavuganye na Radio haguruka basaba Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye kubabera umuvyeyi koko agatunganiriza abo bantu bariko babandanya guhohoterwa n'uwo musitanteri n'imbonerakure ziwe n'abajejwe intwaro, ngo nayo mugihe kwoba ari ukutameya amategeko naho, bagasaba guhindurira amabanga abantu bene abo hagashirwaho abashobora gutunganiriza abanyagihugu koko.

Tubibutse ko Abo bapfunzwe bava kumusozi Gasenyi, zone Mudende Commune Buyengero, abo banyagihugu bagafata iyo commune nka commune iterura idarapo mukurya igiturire, ariko bagatangazwa no kubona kuva kuri Buramatari, n’izindi nzego mbere no gushika ku mukuru w’igihugu ataco babivugako.

Ishimwe Bernice

Partager cet article !