Abanye poritique, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritique co kimwe n’abasirikare bahunze igihugu baraye baciriwe umunyororo wo Guherayo
Abanyagihugu 34 bagizwe n’abanye politique, abari mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, intwazangabo mu gisirikare no mu gipolisi hamwe n’abamenyeshamakuru bahunze igihugu barakatiwe na sentare ntahinyuzwa umunyororo wo gufungwa ubuzima bwabo bwose.
Abo bose bakaba bagirizwa kuba bashatse gutembagaza ubutegetsi bw’umuhisi Petero Nkurunziza, kwica no gusambura ibintu vy’abanyagihugu. Yamara kuri urwo rutonde rwabo bantu bose, akaba atakindi n’akimwe bahuriyeko kiretse kuba bamwe bariyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza mu mwaka wa 2015, hamwe n’abamwe mu basirikare bagerageje kurondera gutembagaza ubutegetsi ariko bikabananira, muri abo abatapfuye barahunze mu gihe bariko baragomba kwicwa no gupfungwa muri kino gihe bakaba baba hanze y’Uburundi.
Urwo rubanza rwaraye rugiye ahabona kuri uno wa kane, ukuyemwo uko kuba baciriwe umunyororo wo guherayo, iyo Sentare inabasaba no kuriha n’indishi z’akababaro ngo ku bintu vyononywe muri iyo misi yo gushaka gutembagaza ubutegetsi, ikidasobanutse muri urwo rwandiko, n’ukumenya nimba ivyo bita gutembagaza ubutegetsi boba babifatanya n’imyiyerekano yabaye yo kwiyamiriza kwitoreza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Muri abo basabirwa indishi yakababaro, hagaragaramwo Radiyo Rema FM isanzwe ari iradiyo yegamiye umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD bivurwa ko izorihwa amafaranga arenga gato imiriyaridi 4 z’amarundi, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bukazorihwaa imiriyoni zirenga 800, ubushikiranganji bw’umutekano imiriyoni zirenga gato 360 hamwe n’umugambwe CNDD-FDD uzorihwa imiriyoni zirenga 180.
Mubandi bavurwa ko bazorihwa muri urwo rubanza rwaciwe, hari abanyagihugu basabiwe ku giti cabo indishi nazo zirenga gato imiriyoni 80, abo nabo akaba ari Bisaganya Albert, umupolisi w’ipete rya general aherutse gukukuruka akaba asabirwa imiriyoni 25 n’abandi. Muri urwo rubanza naho Radio RPA yaturiwe co kimwe na Radio Isanganiro, Bonesha FM na Television Rennaissance ntibigeze bavuga ko hari ikintu bazoshumbushwa eka mbere n’abanyagihugu batari bake bagandaguwe harimwo umwana wambere yishwe Jean Nepomusene Komezamahoro imiryango yabo ntaco izoroswa.
Bamwe n’abandi bakaba babona ko urwo rubanza ataho ruhuriye nurubanza nyarubanza ahubwo bakabona ko ari urubanza rwa Poritike kandi ko ruje rwongera kugaragaza ko ubutungane bw’uburundi butigenga ko bubandanya bukoreshwa n’abategetsi.
Ivyo bakabivuga bafatiye ko urwo rubanza rusohotse mu gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari aherutse gusaba ikigo kijejwe kungenzura ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC kuganira n’amaradiyo yafatiwe ibihano, yamara ivyo biganiro bikaba vyari vyatanguye bikumira bamwe mu barongoye ivyo bimenyeshamakuru nka Bob Rugurika arongoye radiyo RPA na Innocent Muhozi arongoye Televiziyo Renaissance mbere muri kino gihe bari mu bakatiwe uwo mu nyororo wo guherayo.
Inkuru ya Jeannette Kamikazi