• Home
  • ACTUALITÉS
  • ECONOMIE
  • Transparency International yarasohoye icegeranyo gishira Uburundi mu bihugu vy’imonogoje mu kurya ibiturire

Transparency International yarasohoye icegeranyo gishira Uburundi mu bihugu vy’imonogoje mu kurya ibiturire

Ishirahamwe mpuzamakungu Transparency International cagiye ahabona cashize Uburundi mu kibanza ca kabiri mu bihugu birimwo igiturire cinshi muri Afrika y’Ubuseruko, EAC. Nayo ku mugabane wa  Afrika Uburundi bukaba buri mu bihugu 10 vya mbere birangwamwo ibiturire vyinshi n’ubunyonyezi bw’amatungo ya Reta.

Nk’uko vyerekanwa n’icegeranyo c’Ishirahamwe mpuzamakungu rigwanya ibiturire Transparency International, ku bihugu 180 vyo kw’isi vyakozweko amatohoza, Uburundi buza mu kibanza c’165. Transparency International ivuga ko ivyo bisigura ko ico gihugu kiri mu bihugu 7 vya mbere vyirayemwo igiturire kw’isi.

Aho, Uburundi buza inyuma y’igihugu ca Irak, bugakurikirwa n’ibihugu nka Haiti, Republika iharanira Demokarasi ya Kongo, Koreya ya Ruguru na Libiya. Ku mugabane wa Afrika, ico gihugu kiri muri 10 vya mbere birangwamwo ibiturire vyinshi n’isesagurwa ry’amatungo ya Reta.

Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire mu Burundi, rikaba rikorana na Transparency International, rivuga ko Uburundi butigeze bugira ikibanza ciza kuva mu myaka 10 iheze. Mu mwaka w’2015, bwari mu kibanza c’150 bikaba biboneka ko bitera biyangara.

Mugihe uburundi bumaze imyaka irenga 15 vyitwa ko intambara yahagaze mu gihugu, bikaba bitangaje kubona nuno musi Uburundi bukurikirana n’igihugu ca Sudani y’epfo kimaze imyaka irenga 10 mu ntambara, mu bibanza vya mbere vy’ibihugu birangwamwo ibiturire n’ukunyuruza amatungo ya Reta.

Yamara ivyo bikaba bitabuza abategetsi kubandanya bakoresha amajambo yokuryohera abanyagihugu ko bagiye kurwanya bivuye inyuma igiturire. Muri kino gihe umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba aherutse gutangaza ko ibisaka vy’abanyonora amatungo ya Reta yiwe bigiye gusha. Inyuma y’iyo Raporo ya Transparency International, Ishirahamwe OLUCOME rigwanya ibiturire, rikaba ryaramwandikiye rimusaba gushiramwo inguvu, kugira ngo imvugo ijane n’ingiro.

 Jeannette Kamikazi

Partager cet article !