Uwashaka umubira,abira akuya !

Abasokuru barayamaze bati uwushaka umubira abira akuya, barongera bati uwushaka umuce acika ijoro, kandi ngo uwushaka inka aryama nkazo. Iyo yari imigani y’ikirundi bakoresha ariko burya umugani ugana akariho.

Abasokuru bari babizi, bari baciye ubwenge kandi ntibarira busema. Uwushaka ikintu icarico cose abwirizwa kugira ico akoze, akakiruhira kugira ngo agishikire.

Ariko mu barundi cane cane abitwa ko bize canke bafise iyo migani ya basokuru barayibagiye, barayitaye ntibakiyerekwa. Benshi bikundira gutuma, gukikizwa, gusabwa naho boba batazi gusabisha. Ibi rero biza gutangaza cane mu gihe hakiriho Abarundi bagishobora gufyinisha ikintu gishobora kubahitana ,guhitana ababo canke ivyabo nkaho umuntu yokwibaza ko hari abandi bazobibakorera canke bazo bitunganya.

Ya ngendo yuko abantu bagenda bakiyicarira muri sallon, atakindi gikorwa bariko barakora ariko bakubahuka bagahamagara abakozi bari mu gikoni mu bikorwa, kandi ibikorwa bishobora nokononekara mu gihe abo bakozi babo boba basamaye: ” ntibagira isoni zo kubahamagara bati hewe sha, ingo umpereze ikirahuri ngaha!” kandi wanashaka rimwe na rimwe baba bioyicariye imbere yakabati karimwo ico kirahuri.

Iyi ngendo yaragiye mu mico y'abarundi kuburyo bamenyereye gutuma mbere batakimenya neza ico bashobora gutuma canke ico biri ngombwa ko bikorera bonyene ubwabo. Birateye agahinda aho abantu ”bamugara” ibintu bitagaragara ariko bifise ingaruka mbi ku muntu ubwiwe n’igihugu muri rusangi kubera iyo nyifato.

Barundi, Barundikazi kuri uyu musi twibuka intahe yo kwikukira twaronkejwe n'umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore, twibukanye ikintu: imigani ya basokuru ivuga ko uwushaka umubira abira akuya! Ntivyumvika ko umuganwa ataco yarakenye, ataco yifuza ngo abure, yashobora kuba mu gice c'isi ashatse, yemeye akarwanira intahe yo kwikukira k'Uburundi, yemeye agakubagurwa, benshi ngira ntibazi canke ntibibuka ko yapfunzwe ariko aharanira ukwikukira. Kandi yarazi neza kandi yararonka amakuru ko bashobora ku mugirira nabi ariko ntiyaharitse.

None ga Barundi, Barundikazi burya kwikukira no guharanira amahoro, umutekano n'agateka ka zina muntu bitandukaniye? None ubwo inyifato Abarundi dufise siyo ku muhemukira, kubona yaratwitangiye kugira Uburundi buze bugire Iteka n'Itekane tukaba turiko turorera hariho abantu bariko barabusambura tubona?

Harageze ko umwe wese yibaza niyaba hatarenganye, hanyuma yiyishure, maze agire ico akoze ! Birababaje aho abarundi n'abarundikazi barorera, abandi bakaraba irya, abandi bakarondera ivyitwazo kugira ntihagire ico bakora mu gutabara uburundi.

Uburundi bwaratewe n'ibisizimwe, uburundi bwaratemvye, uburundi bukeneye uwubushayura! Birateye agahinda aho umurundi abura amahoro abura uburenganzira bwiwe ariko akibaza yuko hariho abandi bazobikora, akibaza yuko hari abandi boba babijejwe. Amahoro y’ umuntu niwe ayironderera, akayiha ! Muntu uyabuze haguruka ugire ico ukoze. Niwagira ico ciyumviro uzosanga utari wenyene maze ufatikanye n'abandi.

Uwushaka umuce acika ijoro, ntakizobasanga aho mwicaye, ntakizokwikora, n’akaryo keza kuko Abarundi bifuza ko ibintu bihinduka batoguma bibaza canke barindiriye abo batabisezeranye ko bazobibakorera hanyuma nabo ngo baheze bidagadure mu mahoro batagizemwo uruhara na rumwe rwo kuyarondera. Uwoba arindiriye kuzoba mu mahoro atagizemwo uruhara rwo kuyarondera ntaho azoba atandukaniye n’umuvumvyi w'ayo mahoro.

Mu ndero y'ikirundi ntawureka gusomya umuvumvyi, ariko basomya umuvumvyi abatumire abatumire bose hamwe n’abaterereye mu rubanza bamaze kubanza gusoma, mbere kenshi na kenshi hari n’igihe umuvumvyi asoma inyuma y'abandi kandi n’ugukutsa umusa bimwe bita kwica akanyota ntabigereko kubera hashobora kuba hari abatumire n’abaterereye benshi baniganira umukenke canke uwabaterekeye abishatse. Bisigura ko kuvumba bitagira iteka n’ijambo, havumba uwaburaniwe!

Murundi,Murundikazi nagira ndakubwire ko ubishoboye utoba umuvumvyi wo kuri iyo ntango y'amahoro y’Uburundi , kuvumba kuri iyo ntango nta teka biha umurundi uwariwe wese! Nta murundi numwe yobura ico akora kugira iyo ntango iboneke kandi iboneke ku gihe.

Haguruka hanyuma wiyumvire, baza incuti n'abagenzi ibikorwa n'ivyinshi, nta numwe yobura ico amara muri runo rugamba!

UWUSHAKA UMUCE ACIKA IJORO

UWUSHAKA UMUBIRA ABIRA AKUYA

Ishimwe Bernice

Partager cet article !