Amashirahamwe mpuzamakungu abandanya kwerekana amakenga ku matora buca aba mu Burundi
Mugihe Abarundi n’amakungu atako batagize ngo biyamirize kandi bongere bahanure ko amatora yo 2020 yobanza guhagarara mu ntumbero yo kugira ngo ategurwe neza reta y’uburundi yoyo n’umugambwe CNDD-FDD babandanije kuyategura.
Muri kino gihe abatari bake bafatiye kubibazo vyatewe n’amatora yo 2015 kandi nubu bitaratorerwa umuti, bafatiye kandi kuri kahise kerekana ko amatora mu burundi yamye atera ingorane, bakaba bavugako atagukeka ko amatora agiye kuba ategerezwa kuzotera ibibazo bikomeye cane.
Ivyo biri uko mugihe Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika hamwe n’ibiro vy’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bamenyesha ko bafatiye ku myiyamamazo yayo matora basanzwe barakurikiraniye hafi ngo bafise impungenge ku maraporo y’iterabwoba hamwe n’ugutana mu mitwe hagati y’abanywanyi b’imigambwe itavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi vyibonekeje.
Mw’itangazo basohoreye hamwe kuwa 17 z’uku kwezi kwa gatanu, bahamagarira reta y’Uburundi gukora kugira habe icuka c’umutekano coshobora gutuma Abarundi bitabira ibikorwa vya politike barekurirwa n’amategeko mu kwihanganirana, mu mahoro no kwubahana.
Ayo mashirahamwe kandi akaba asaba Abanyeporitike bose gushira imbere ibiganiro, kugira hashobore kuba amatora meza kandi mu mahoro hamwe no kwirinda gukoresha amajambo ahamagarira imigumuko hamwe n’inzankano. Basaba kandi abategetsi b’Uburundi gukora ku buryo abakenyezi bitabira ku bwinshi ayo matora.
Kugira amahoro n’umutekano bitsimbatare mu Burundi, aya mashirahamwe abiri asaba imigambwe yose ya poritike kwubahiriza amategeko agenga inyifato yo mu matora basinye kw’itariki 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri 2019.
Umurwi w’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika hamwe n’ibiro vy’umunyamabanga mukuru wa ONU batera akamo abategetsi b’Uburundi gukingira amagara y’abanyagihugu barongoye mu gushiraho ingingo zikinga ikwirakwira rya COVID-19.
Mwomenya ko abatari bake haba mu barundi canke abanyamahanga bamaze kugaragaza ko batazokwemera ibizova muri ayo matora aho mbere bamwe bamenyeshako bazorwanya cane ibizoyavamwo.
Par Ishimwe Bernice