Umurwi ceni ubandanya kwidogerwa n’abarundi aho bamenyeshako uyo murwi ukoreshwa n’ubutegetsi

Kuva umurwi CENI ugenwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, wamye kandi ubandanya uriko uriyamirizwa n’abamwe n’abandi, ko uyo murwi utabahumuriza ko ahubwo uhabwa amategeko na reta y’uburundi.

Ivyo bikaba bivyuwe n’ingingo iheruka gufatwa n’uwo murwi, aho wamenyesheje ko ata murundi n’umwe arekuriwe gutorera aho ageze nkuko bishikirizwa nuwo mugwi w'igihugu ujejwe gutegura amatora (CENI) kandi iyo ngingo ikaba yakiriwe nabi n’abanyagihugu bo mu ntara zitndukanye.

Abo banyagihugu bakamenyesha ko hari benshi bamaze guhindura aho baba, kuko haciye imyaka ibiri habaye rusansuma rw'abageze gutora. Ukwo guhindura aho baba kukaba kwatumye baja kure y'ibiro vy'amatora biyandikishirijeko.

Muri abo, hari abanyeshure bari mu mashure yisumbuye ubu bageze muri za kaminuza n'abahinduye aho biga ku mvo zitandukanye, hari abahinduye aho bakorera canke ubuzi bwaheze, hari abagiye kwubaka izabo ahandi n'iyindi migwi itandukanye yahinduye aho iba ku mvo zitandukanye.

Kuri iyo mvo, bamwe mu begereye abari bashinzwe gutanga amakarata baremeza ko hari benshi mu bari muri iyo migwi batatoye amakara mashasha y'itora. Nayo ngo kutarekurirwa gutorera aho ageze, abafise ivyo bibazo mu ntara z’itandukanye bakabona ko bagiye gutakaza uburenganzira bwo gutora.

Kuri uwu wa mbere niho CENI yatangaza abarekuriwe gutorera aho bageze. Abo nabo akaba ari abakozi ba CENI, abajejwe umutekano w'ibibanza vy'itora, abacungera abategetsi n'Abarundi biyandikishirije hanze ubu batahutse.

Muri uwo mugwi dusangamwo kandi abamenyeshamakuru, indorerezi zo ku rwego rw'igihugu bafise uruhusha rwa CENI, abahagarariye imigambwe n'abari mu nzego z'umutekano bari mu bigo vy'inyigisho.

Mwomenyako iyo ngingo abatari bake babandanya kwerekana ko ari akarenganyo bariko barakorerwa n’uyo murwi aho mbere bemeza ko biri mu rukwirikirane rwateguwe n’uwo murwi rwo kwiba ayo matora.

Ishimwe Bernice

Partager cet article !