Umugambwe cndd-fdd ntuterwa isoni nubusuma bw’amatora wakoze
Naho abarundi isinzi bihebuye bivuye kukuba baribwe amatora yabo Umugambwe uri ku butegetsi Cndd-Fdd wowo ari na wo wihaye ikibanza ca mbere mu matora y’umukuru w’igihugu ku bice 68,7 % uvuga ko ushimira umugwi CENI wateguye amatora ingene wavyifashemwo mu gutuganya amtora uwo mugambwe wemeza ko yabaye meza.
Mu butumwa uwo mugambwe wamaze gushira ahabona, uvuga ko bitari vyoroshe gutegurira rimwe amatora atatu ay’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka n’ayabajenama b’amakomine.
CNDD-FDD ukaba ukeza umukandida wawo Evariste Ndayishimiye. Uyo mugambwe ugasaba Evariste Ndayishimiye kuzokora uko ashoboye kose ngo kugira Abarundi bose babeho mw’ituze, biteze imbere mu gihugu cabibarutse. Bakagira ko bemeza ko ko bagiye kubaka Uburundi bushasha.
N’umugambwe Uprona ishami rikorera mu kwaha kwa CNDD-FDD wahawe ikibanza ca gatatu n’amajwi angana n’igice 1.6% nawo nyene waragize ico ushikirije. Abel Gashatsi arongoye iryo shami, mw’itangazo ry’iwe atangura akeza umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi ku ntsinzi yatahukanye. Eka na Gaston Sindimwo, umukandida wa Uprona iryo shami nyene arashima ivyavuye mu matora, agashimira n’abanyamugambwe wiwe bamutoye.
N’aho biri uko umugambwe CNL waronse ikibanza ca kabiri n’amajwi ari ku bice 24.1% uriyamiriza ivyatangajwe na CENI. Uwo mugambwe uvuga ko ufise ivyemeza bikwiye ko ari wo watahukanye intsinzi. Wemeza ko wibwe muri ayo matora.
Agathon Rwasa umukandida w’uwo mugambwe avuga ko yiteguriye kwitura inzego zijejwe gutatura amatati y’amatora ari yo sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro.
Bitegekanijwe ko ibiharuro vyatangajwe n’uyo murwi CENI bizorinda kwemezwa na sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro kugira bibe ntabanduka.
Aho ni ho uwuzoba atashimye ivyavuye mu matora azoca yitura inzego zibishinzwe nk’uko itegeko rigenga amatora ribivuga.
Ishimwe Bernice