• Home
  • ACTUALITÉS
  • POLITIQUE
  • Umurwi ceni warerekanye ko ataho utandukaniye n’umugambwe cndd-fdd mu kwemeza ko uyo mugambwe watsinze ku bice 68,72%

Umurwi ceni warerekanye ko ataho utandukaniye n’umugambwe cndd-fdd mu kwemeza ko uyo mugambwe watsinze ku bice 68,72%

Kuri uyu wa mbere ku muhingamo niho umugwi CENI wari ujejwe gutunganya amatora mu Burundi washize ahabona ibitigiri mfatakibanza vy'ivyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka n'ayabahanuzi b'amakomine yabaye ku wa 20 uku kwezi.

Uyo murwi ukaba watangaje ko umukandida w’umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye ariwe aza imbere mu matora y’umukuru w’igihugu n’amajwi 68,72% uyo murwi ukaba wemeza ko yatowe n’abantu bagera kuri 3.082. 210. Mugihe Agathon Rwasa yaserukiye umugambwe CNL aza mu kibanza c’akabiri afise ibice 24,19% akaba yatowe n’abanyagihugu 1.084.712.

Umugambwe w’abadasigana Uprona ishami rikorera mu kwaha ku butegetsi bwa CNDD-FDD uza mu kibanza ca gatatu ku majwi angana n’igice 1.64%, abawutoye bakaba ari 73353. Abandi bakandida bose uyo murwi wamenyesheje ko bafise ibice biri hejuru y’ubusa ariko bidashika kuri kimwe.

Abashingamateka, umugambwe uri ku butegetsi nahone ni wo ufise benshi kurusha iyindi migambwe. Waronse 72 ,  mugihe umugambwe CNL warose 27 nayo Uprona yatekerewe umwe rudende.

Mwomenya ko kugira ibitigiri vy’ubwoko bikwire mu nama nshingamateka hategerezwa kuzokongerwamwo abandi bashingamateka 21 bo mu bwoko bw’ Abatusti hamwe n’Abatwa bagera kuri batatu. Imigambwe ya Uprona, CNDD FDD na CNL ni yo izoja hamwe kuva kuri uyu wa kabiri kugira ibatore abo Batutsi.

Agathon Rwasa yarasanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka n’ubu yatowe mu bashingamateka co kimwe na Gaston Sindimwo icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.

Amatora yitabiriwe ku bice 87,71% ku barundi 4.484.928 batoye. Abari bariyandikishije bose hamwe ni 5.130.418.

Inkuru ya Ishimwe Bernice

 

Partager cet article !