• Home
  • ACTUALITÉS
  • POLITIQUE
  • Umugambwe msd uvuga ko amajambo yo nyene ashikiizwa n’amakungu adashobora kugumizaho umwizero mu barundi

Umugambwe msd uvuga ko amajambo yo nyene ashikiizwa n’amakungu adashobora kugumizaho umwizero mu barundi

Inyuma y’itangazo ryashizwe ahabona kuwa 27 Rusama umwaka wa 2020, umugwi w'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, umaze kumenya ibiharuro mfatakibanza vyavuye mu matora y'umukuru w'igihugu hamwe n'abashingamateka yabaye kuwa 20 Rusama umwaka wa 2020, vyashikirijwe n'umugwi ujejwe gutunganya amatora CENI, warasubiye kwibutsa ugushaka ibihugu baserukira bifise kwo gushigikira abarundi mu nzira ibashikana  ku kubungabunga amahoro n'umutekano, intwaro rusangi hamwe n'ubutungane hisunzwe intumbero y'iterambere rirama.

Mu mugambwe MSD warasohoye itangazo aho umunyesha ko  waboneyeho akaryo ko kwibutsa ko intumbero y'iterambere rirama ihagaze cane cane ku gukorana n'amareta kugira hatorwe inyishu zirama ku mutekano muke, gushiraho icuka ciza ku buryo abantu bose bashobora kwumvirizwa, iyo ikaba ari intumbero yuwo mugambi w'iterambere uri kw'isi yose nkuko biri muri iryo tangazo ry’umugambwe MSD.

Muri MSD bakavuga ko nimba ukwo gushaka kwaramyeho, nkuko vyanditse muri iryo tangazo ry'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi ko ari ukwibutsa, ngo uyo mugambwe urababajwe nuko uko gushaka kutigeze gushika ku kintu kigaragara gihagarika umubabaro abarundi barimwo batewe n'intwaro yica igasesa amaraso nkuko ibihugu bimwe biri muri ivyo vyasohoye iryo tangazo vyari vyabihaweko igikorwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU hamwe n'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika(Union Africaine).

Kubwaabo ngo bakaba bipfuza cane KO mu bihe biri imbere ukwo gushaka kwibukijwe n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi kwobonekera ku mwimbu uboneka, umuntu wese ashobora gupima mu buyobozi bw'igihugu.

Umugambwe MSD ukaba urangiza iryo tangazo ryabo umenyesha ko uzoshimishwa cane nuko abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bafashe nkama ko amajambo yo nyene adashobora kugumizaho umwizero mu Barundi.

Inkuru ya Ishimwe Bernice

Partager cet article !