Ijambo rya Evariste Ndayishimiye ryaje ari nkincamugongo ku barundi
Mu gihe Abarundi bari barindiranye igishika ijambo Umukuru w’igihugu mushasha, Evariste Ndayishimiye, azoshikiriza ko rishobora kuba ijambo rihumuriza ijambo ryiwe ryasize umwiheburo mu barundi batari bake.
Ivyo hakaba hari ababivuga bafatiye kuvyo yashikirije ko azokwubahiriza ibijanye n’agateka ka zina muntu, mu gihe igisata c’agateka kazinamuntu cari gisigaye giteye isoni mu Burundi.
Bamwe bakaba babajwe nukuntu Evaritse Ndayishimiye yamenyesheje ko azobandaniriza ngo aho Sogokuru wiwe yari yagejeje, ivyo bikaza biba nk’inyishu kubantu bariko bariyumvira ko imvugo izohava ijana n’ingiro mbere bamwe bakavuga ko ashobora kuzoba umuntu ahungabanya agateka kazinamuntu gusumba mbere na Petero Nkurunziza.
Ikindi catumye nabari bafise icizere kitakara nukumva Evariste Ndayishimiye amenyesha ko ngo bazokwubahiriza agateka ka zina muntu ngo ariko ko ata banyamahanga bakeneye bivuga ko babandanya bigizayo amakungu nkuko bimaze igihe bikorwa.
Muri iryo jambo ryiwe harabayemwo ibihushane vyinshi nko kubona uyo agiye kuba umukuru w’igihugu mushasha rayahamagariye Abarundi bose ngo bari bahunze igihugu ngo ko bahunguka bagataha ngo kugira bashobore kwubaka igihugu hamwe nawe, ariko ntiyigere agira ijambo narimwe avuga ryingene abo bari bahunze boheza bagahunguka ibifatwa nk’ikiwani kidasanzwe uwo agiye kuba umukuru w’igihugu yavuze nkuko asanzwe yahora abigenza.
Mwomenya ko ata mukuru w’igihugu numwe yitavye ibirori vyo kwimika Ndayishimiye Evariste vyabereye mu ntara ya Gitega.
Inkuru ya Igiraneza Tresor