Igihugu ca tanzaniya kirabangamiye impunzi zabarundi

Nkuko bimaze kwibonekeza Abarundi bahungiye mu gihugu ca Tanzaniya bamana uruhagarara kubera kunyuruzwa, gupfungwa, gukorerwa anmabi n’igiporisi cico gihugu hamwe n’iterabwoba bakorerwa ku musi ku musi ngo nibatahe mu gihugu cabo.

Ivyo bikaba biri uko mugihe iyo reta ya Tanzaniya iherutse gutangaza ko ata mpunzi y'Umurundi izokongera kwakirwa muri ico gihugu. Reta ya Tanzaniya ikamenyesha ahubwo ko igiye kubandanya ihungura abasigaye mu nkambi za Nduta, Nyarugusu na Mutendeli.

Iyo ngingo yatangajwe n'umukuru w'intara  ya Kigoma Emanuel Maganga mu kiganiro n'abamenyeshamakuru. Muri ico kiganiro, uwo mutegetsi yasiguye ko igihugu ciwe kitokwemera kwakira impunzi uko Uburundi butunganije amatora.

Zimwe mu mpunzi zahungiye mu nkambi ya Nduta zo zivuga yuko ata muntu yohunga ata kibazo afise, zigasaba Reta ya Tanzaniya kubahiriza amategeko agenga impunzi, HCR nayo ikabafata mu mugongo kugeza aho bazokumva yuko ico bahunze ca heze, bagashobora guhunguka ku bushake bwabo.

Bakarangiza bamenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU rijejwe amahoro n’umutekano kwisi ryari rikwiye kwibutsa ibihugu bitandukanye kubahiriza amategeko vyateyeko umukono harimwo n’ayakingira agateka kimpunzi.

Inkuru ya Ishimwe Bernice

Partager cet article !