Abarundi bahunze ngo ntacizere bafitiye umukuru w’igihugu mushasha mugihe Imbonerakure zitarakosorwa
Mugihe kuva kuri uyu wa 18 Ruheshi hagiye kuboneka umukuru w’igihugu mushasha ariwe Evariste Ndayishimiye, Abarundi bataye izabo bagahunga bobo ngo ntacizere bafitiye uwo mutegetsi mushasha ngo mugihe Imbonerakure ziri mubo yahora arongoye zitarakosorwa.
Ivyo ngo bakabivuga bafatiye ku kungene kuva mu mwaka wa 2015 hataraduka imvururu ngo bate izabo bahunge bahora babona ingene uwaruka rw'imbonerakure rwahora rukizura rwitwaje ibibando. Bamwe bakongerako ko urwo rwaruka rutasiba guhangana na bamwe mu bari migambwe itavugarumwe n’uwuri kubutegetsi hamwe n’abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza.
Nayo Impunzi z’Abarundi zahungiye muri Repubulilka iharanira intwaro rusangi ya Kongo ziri mu nkambi ya Lusenda zisaba Evariste Ndayishimiye, agiye kurahirira kurongora uburundi, ko yokwikubita agashi mu kubahiriza agateka kazinamuntu kamaze igihe gahungabanywa n’inzego z’umutekano.
Inkuru ya Ishimwe Bernice