Abarundi banyuruzwa n’igipolisi ca Tanzaniya baca bahabwa leta y’uburundi
Ntibikiri ibanga abanyagihugu b'abarundi bahungiye mu makambi y’Impunzi ari mugihugu ca Tanzaniya ngo banyuruzwa n’inzego z’iperereza zico gihugu hanyuma bakajanwa ahitwa Nyakibondo, aho baheza bagashikirizwa abakozi b'iperereza ry'uburundi barongowe nuwutwara iperereza mu ntara ya Ruyigi bakabona guca batwarwa mu gisagara ca Bujumbura bamaze gushikayo naho ngo abatishwe bapfungirwa mu busho butandukanye bwo mu gihugu c’uburundi.
Akarorero gatangwa nako abarundi bagera kuri 8 banyurujwe igenekerezo rya 22 Mukakaro 2020 aho bivurwa ko bahohotewe biteye ubwoba hanyuma bagaca bajanwa mu Burundi. Amakuru radio Haguruka yashoboye kuronka ni uko bamaze gushikanwa ku butaka bw’uburundi basambishijwe hanyuma bagapfungwa babagiriza kuba bari mu babuza abarundi guhunguka hamwe no kuba ngo bakorana n’imirwi irwanya leta y’uburundi ikoresheje ibirwanisho.
Inyuma yaho abo barundi baciye bashirwa mu busho butandukanye, bamwe babapfungira i bubanza abandi babapfungira muri documentation i bujumbura. Radio haguruka ikaba yarashoboye kuronka amwe mu mazina y’abarundi banyurujwe bari bahungiye mw’ikambi ya Mutendeli bagahohoterwa ubuzima muri kino gihe bapfungiwe mu busho butandukanye bw’igihugu c’uburundi. Abo nabo akaba ari: Nkunzimana Anaclet inomero ndangampunzi yiwe akaba ari 321-16H02106, Cimpaye Felix inomero ndangampunzi yiwe akaba ari 309-15H01955, Ndizeye Rajdabu 451-15H30433, Ndayishimiye Revocatus 451-15H30696 hamwe rero na Rwasa Said tutashoboye kuronkera inomero Ndangampunzi yiwe.
Igiraneza Trésor