• Home
  • ACTUALITÉS
  • SANTE
  • Biriko biravurwa ko mugera wa cornavirus ubangamiye Abarundi n’Abategetsi badasigaye inyuma

Biriko biravurwa ko mugera wa cornavirus ubangamiye Abarundi n’Abategetsi badasigaye inyuma

Mu gihe reta y’uburundi yafashe minenerwe ikiza c’umugera wa corna virus ntifate ingingo zihambaye zo gushobora gukingira Abarundi uwo mugera, muri kino gihe biriko biravurwa ko ico kiza c’uwo mugera kiriko kirahekura A barundi mbere n’Abategetsi bo ku rwego rwo hejuru mu gihugu badasigaye inyuma ku buryo iva kuri bamwe ija ku bandi.

Ikinyamakuru c’Abogereza Financial Times caratangaje amakuru ataremezwa neza ko naho mu ndwi iheze Evariste Ndayishimiye yabonetse agiye kwandika mu gitabo c’iteka co gusezera uwahora ari umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza aho yanashikirije n’ijambo ryo kuremesha Abarundi, ashobora kuba nawe afise uwo mugera wa Corona.

Ivyo bikaba biri uko mugihe amakuru atandukanye yemeza ko Petero Nkurunziza yahitanywe niki kiza ruhonyangada c’umugera wa corona virus naho leta yavuze ko yahitanywe n’ingwara y’umutima.

Mw’ijambo Evariste Ndayishimiye yashikirije yamenyesheje ko Petro Nkurunziza ngo yarose akanya katari gato ko gushobora kuganira nawe ko mbere yamusezeye igihe yagenda kumugendera i muhira iwe aho aba mu gisagara ca bujumbura.

Mwomenya ko naho uwo mugera uteye ubwoba Abategsi b’i Burundi bagumye bavuga ko ‘Imana ikingiye Uburundi’ aho gufata ingingo ruhasha zishobora gukingira Abarundi no  kurwanya COVID-19.

 

Inkuru ya Igiraneza Tresor

 

Partager cet article !