Hoba hinyegeje iki inyuma yuko Reta y’uburundi yemanga umugera wa Coronavirus?
Inyuma ya mezi atandatu isi yose iri mu ruhagara rwumugera wa corona virus ariko reta y’uburndi ikemeza ko ico kiza atabwoba cotera Abarundi ko bakingiwe n’Imana muri kino gihe iyo Reta iriko iremanga ku mugaragaro ko ico kiza kibangamiye Abarundi n’uburundi.
Muri kino gihe rero ico kiza kikaba camenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu uyu musi wa gatanu ko cashitse mu gihugu hagati inyuma y’amezi 3 kivugwa gusa mu gisagara ca Bujumbura.
Mw’itangazo ryashizwe ahabona uyu musi wa 3 Mukakaro 2020, ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bumenyesha ko umuntu umwe yasanzwe yaranduye ikiza ca Coronavirus ava mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw’Uburindi.
Iryo tangazo ryashize ahabona ko abandi bantu bashika kuri 21 biyongereye ku basanzwe barwaye ico kiza cuwo mugera wa corona virus.
Mu bipimo vyakorewe abantu 12, batabarijwe n’ibitaro bitandukanye arivyo ibitaro vyo mu Kayanza, ivy’akarere vy’i Gitega hamwe n’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge, 1 yavuye mu Kayanza bamusanganye uwo mugera. Nayo mu bantu 190 bamaranye umwanya munini n’abatowe uwo mugera, 20 basanze baranduye.
Ibiharuro leta y’Uburundi ishira ahabona ni uko abantu bashika ku 191 ubu ari bo bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus.
Mu bantu 191 bamaze kwandura ikiza ca Coronavirus, hamaze kumenyekana gusa umuntu 1 yishwe nico kiza naho abantu bamwe bamwe bavuga ko hari abapfa hakabura abaza ku maziko kubera bikekwa ko boba bishwe na COVID-19.
Igiraneza Trésor