• Home
  • ACTUALITÉS
  • SANTE
  • Reta y’Uburundi ifise imvugo nyinshi kubijanye n’ikiza ca Covid-19 aho ibindi bihugu vyiteguriye Urucanco bo barwamirira kure

Reta y’Uburundi ifise imvugo nyinshi kubijanye n’ikiza ca Covid-19 aho ibindi bihugu vyiteguriye Urucanco bo barwamirira kure

Kuri uyu wa kane harabaye inama y’Umugwi w’igihugu ujejwe kugwanya Covid-19 inama yafatiwemwo ingingo zitandukanye zasomwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu.Uyo murwi ukaba waraye umenyesheje ko kugeza ubu Abarundi n’uburundi ngo ata Rucanco rwa corona bakeneye.

Reta y'Uburundi ikaba yemeza ko naho ico gihugu kiri mu vyari ku rutonde rw’ibihugu vyategekanywa ku mugabane wa Africa ko bizoroswa urukingo rwa Covid-19 yamra ko bobo babona ko bidakenewe ko batora urwo rukingo.

Muriyo nama kandi bakaba baremeje ko amafaranga abasohoka igihugu basabwa kugira baronswe (ceretifika) (urupapuro rwemeza ko basuzumwe) avanywe ku bihumbi 10 aja kuri 60 000 ngo mu ntumbero yuko retaa ikomeza ironka uburyo buhagije bwo gukingira Abarundi n’abanyamahanga bari mu gihugu umugera wa Corona nkuko vyatangajwe na muganga Thaddee Ndikumana.

Mugihe abatari bake biyamiriza iyo ngingo yo kuduza ayo mafaranga ko ari ingingo yagahotoro, Muganga Ndikumana Thade wewe arongoye ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu yemeza ko ata gahotoro ngo karimwo na rirya abantu bafata ingendo zo mu kirere baba bafise amikoro.

Muriyo nama izindi ngingo zose zirimwo iyugarwa ry’umupaka wo mu mazi no ku butaka ziriko zirakwirikizwa kuva kuwa 11 ukwezi guheze zagumijweho.Muri izo ngingo harimwo amadolari 30 asabwa abipimisha binjiriye ku kibuga c’indege ca Bujumbura hamwe n’imisi indwi babwirizwa kumara mu mahoteri biyugaranye, banakoresha ibipimo incuro zibiri bagishika ku butaka bw’Uburundi no ku musi ugira gatandatu.

Mwomenyako kugera kuri uyu wa kane, abantu 1664 aribo Reta ivuga ko bari bamaze kwandura umugera wa Covid-19 kuva mu kwezi kwa gatatu umwaka wa 2020 umuntu wa mbere awutoweko, ngo nayo babiri uwo mugera ukaba warabahitanye mu gihe 773 bakize nayo 889 bakaba bakigwaye. Ivyiyamirizwa n’abamwe bakemeza koi co kiza kimaze guhekura abarundi batari bake.

Inkuru ya Ishimwe Bernice

Partager cet article !