Mbega uwuserukira oms mu burundi yoba yirukanwe ahorwa iki?
Ishirahamwe OMS ryarekanye ko rifise impungenge ku bantu baba buzuranye mu makoraniro yerekeye amatora yimirije kuba, aho iryo shirahamwe ritahengeshanije gusaba rishimitse Reta y'Uburundi gutanga amakuru akwiye ku kungene ikibazo ca COVID-19 cifashe mu gihugu c’uburundi nkuko vyasabwa na John Nkengasong.
Mu nyuma yaho, umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, yandikiye ikete ishirahamwe OMS avuga ko uwuriserukira mu Burundi Walter Kazadi Mulombo yirukanywe mu gihugu mbere ko ategerezwa kuva mu gihugu kuri uyu w’agatanu igenekerezo rya 16/05/2020, hamwe n’abandi bahinga batatu ba OMS.
Iyo nyifato rero ya reta y’uburundi ikaba yatewe ivyatsi n’abatari bake aho bemeza ko reta y’uburundi ititayeho amagara y’abantu ko mbere n’ibara rishobora kurwa mu gihugu.
Ikigo kijejwe kurwanya n'ukwirinda indwara muri Afrika, CDC, naco nyene kikaba caraneguye civuye inyuma ingingo ya Reta y'Uburundi y'ukwirukana uwuserukira muri ico gihugu ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y'abantu, OMS.
Umuyobozi mukuru w’ikigo,CDC, Dogiteri, John Nkengasong amenyesha ko iyo ngingo ya Reta y’Uburundi ibabaje, kubera ije mu gihe gukorera hamwe mu rugamba rw’ukurwanya ikiza c’umugera wa Corona bikenewe cane rwose.
Yamenyesheje ko hamwe Uburundi bwoba bufitaniye ibibazo ivyarivyo vyose n’ishirahamwe OMS, vyoba vyiza bubitoreye inyishu biciye mu biganiro.
Bamwe n’abandi bakabona ko iyo nyifato ya reta y’uburundi atari nshasha kuko isanzwe yarabigize umwuga guhangana n’amakungu, abandi bakabona ko kitari igihe co gukinira ku magara y’abarundi mu gihe ikiza c’umugera wa corona kiriko kiratikiza inganda kw’isi.
Inkuru ya Ishimwe Bernice