Hasubiye kwibonekeza iterwa ry’ama grenades mu mihingo itandukanye y’igihugu

Naho leta y'uburundi idasiba kuririmba ko amahoro n'umutekano vyatsimbataye mu gihugu cose ariko muri kino gihe umutekano ntusiba guhungabana uko bukeye uko bwije mu bice butandukanye vy'igihugu.

Hambavu yitorwa ry'ibiziga bimaze igihe bitorwa ku musi ku musi, hakaba hasubiye kwibonekeza iterwa rya magrenade hirya no hino ivyerekana ko umutekano ubandanya guhungabana. Ivyo bikaba ari igihushane civyirirwa birashikirizwa na leta y'uburundi.

Akarorero kakaba arako umunyagihugu wo muri Bujumbura rural yitwa Déo Ntiroranya umunywanyi w'umugambwe CNL yatewe grenade nabantu bivurwa ko ari Imbonerakure z'umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD.

Déo Ntiroranya bikaba vyavuzwe ko atakindi yahowe kiretse imvo za politique kuko yahora ari umukuru w'umutumba Jenda muri commune Mugongomanga intara ya Bujumbura-Rura. Ivyo bikaba bibaye uko mugihe yariko aritegurira kongera kwitoreza ico kibanza kandi ko ashobora kuba yari ashigikiwe n'abanyagihugu bo kuri uyo mutumba.

Iterwa ryamagrenade ntiryabaye ngaho gusa kuko kuri uyu wa gatatu muri commune Ntahangwa Zone Buterere muri Mairie ya Bujumbura naho nyene haraye hatewe grenade ahitwa kw'isamariro grenade isaha imwe y’ijoro yahitanye umuntu umwe yongera ikomeretsa abanyagihugu bagera kuri 9 ubu bariko bavurirwa mubitaro bitagira imbibe biri mu gisagara ca bujumbura (MSF).

Tubibutseko iterwa ryama grenades rije ryiyongera kubundi bugizi bwa nabi bwirirwa burakorwa kuva muri Ndamukiza umwaka wa 2015 aho atandwi yijana hadatowe ikiziga ngo hanyuruzwe canke hahoterwe Abarundi mu bice bitandukanye vyigihugu.

Igiraneza Tresor

Partager cet article !