Amasanganya ariko araba kurugero ruteye ubwoba mu Burundi yoba aturuka ku bumenyi buke bwabashoferi
Kuri uyu wa kabiri hari imodoka yo mubwoko bwa kwasteri ikorera mw'ishirahamwe ryo gutwara abantu ryitwa Memento expresses isanzwe ikorera kuri RN7 nayo nyene yagize isanganya rikomeye cane kandi ryahitanye abantu. Ivyo bikaba bibaye mugihe hagize iminsi hibonekeza amasanganya y'imiduga n'amapikipiki mu mihingo itandukanye y'igihugu bihitana abintu n’abantu.
Iryo sanganya ryabaye kuri uyu wakabiri ryabereye mu ntara ya Bujumbura bakunze kwita Bujumbura-Rural aho bita Mutenderi aho iyo modoka yari ku muvuduko munini yataye inzira igakorokera hepfo yibarabara ikamandagara gushika hasi, ico gihe abantu bagera kuri 2 baciye bitaba Imana ubwo nyene muri ico kibanza mugihe uyundi 1 nawe yitavye Imana amaze gushikanwa kwa muganga.
Mwomenya ko hari nabandi bagera kuri 26 bakomeretse nabone baciye bajanwa kwa muganga harimwo abashika kuri 9 ba babaye bikomeye cane bivurwa ko Imana idatabaye bashobora kuhasiga ubuzima. Abenshi bakaba bibaza igituma hariko haraba amasanganya ateye ubwoba gutyo kandi menshi kuko mu kiringo kidashika indwi hamaze kumenyekana amasanganya ari hagati ya 3 na 5 mu gihugu cose.
Ayo nayo akaba ari amasanganya 2 yabereye kw’ibarabara rya RN9 Bubanza Cibitoke akomeye aho umuntu umwe yitavye Imana agozwe n'imodokari uwundi arakomereka bikomeye cane, kuriryo barabara nyene hakaba harabaye isanganya ry’imodokari itwara ibinyobwa vya brarudi aho iyo modokari yabomoye inzu zigera kuri 2 ariko Imana ikaba yarakinze kuko atabantu baguye muri iryo sanganya.
Abatari bake rero bakabona ko akenshi ayo masanganya ariko aratumwa nuko impusha zo gutwara imiduga zisigaye zipfa gutangwa atabumenyi abantu bafise bwo gushobora gutwara imodoka, bati bishobora kuba biriko birava kungaruka z’igiturire ciraye mu gihugu c’uburundi n’akamwana wa Mamana mugutanga akazi kuko muri kino gihe ubuzi mugihugu butangwa harabwe umugambwe baturukamwo abo nabo bakaba arabo mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD.
Igiraneza Tresor