Ingwano zabaye hagati ya Red-Tabara na leta y’uburundi abanyagihugu ntibazibona kumwe na leta
Ngo gufata mu minenerwe ikibazo c’umurwi wabarwanyi wateye mu ntara ya Rumonge biriko birakorwa na leta y’uburundi aho n’abagize ico bashikiriza umengo ntaco bibatwaye ko Abarundi bagandagurwa atacamira ngo biri mu rukwirikirane rw’ivyemezo ntabanduka ko leta y’uburundi itigera yitaho ibibazo n’ingorane vyabanyagihugu nkuko bishikirizwa n’abanyagihugu bo mu ntara ya Rumonge.
Ivyo abo banyagihugu bakaba babishikirije inyuma y’ibitero bimaze iminsi hagati y’imirwi ibiri Red-Tabara hamwe nabajejwe umutekano aho rimwe na rimwe abo bajejwe umutekano baba bari kumwe n’Imbonerakure urwaruka rw’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD aho leta y’uburundi umengo siho iri mu gihe hari abana buburundi badasiba kwereka umukondo ijuru baguye muri ivyo bitero.
Kuva iryo hungabana ry’umutekano muke ryatangura muri iyo ntara uruganda rwa Radio Haguruka rwaragerageje kurondera umuvugizi w’igisirikare c’uburundi, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano eka mbere n’abajejwe intwaro kuva kuri Buramatari w’intara ya Rumonge no gushika ku basitanteri bamwe bamwe bo muri iyo ntara turabakena biturutse ko bamwe batitaba ama telephone yacu abanda nabo bakaducirako telephone aho hakaba hari mu ntumbero yo kugira ngo bashobore gutanga umuco kubiriko biraba biriko biratuma abana buburundi bahitanwa nurwo batari biteze.
Ku kinyamakuru cabongereza BBC Buramatari w’intara ya Rumonge Consolateur Nitunga ngo ntiyayivugije yayiciye umurya mukuvuga ko ata bitero ngo biriko biraba mu ntara ya Rumonge asanzwe arongoye nkuko bishikirizwa n’uyu munyagihugu wo muri commune Burambi twahinduye amajwi kumvo z’umutekano wiwe.
Uwo munyagihugu ati: Twaguye mugahundwe twumvise ivyaraye bishikirijwe na Buramatari w’intara yacu ya Rumonge aho yemeza ko atabitero ngo vyabaye mu ntara arongoye n’ingene kuva ku musi w’Imana turi mubwoba bwibikoho n’amabombe biguma bivuga n’ukunyuragirana kwaba police n’abasoda n’imbonerakure vyirirwa biraba ngo bagiye kurondera abarwanyi ba Red-Tabara.
Kubwuwo munyagihugu ngo icerekwa n’ikibona ngo kandi abategetsi boreka kubandanya gufata abanyagihugu nkibijuju nkuko bibandanya bisigurwa n’uyu munyagihugu nyene.
Uwo munyagihugu akabandanya agira ati: Icatubabaje gusumba ibindi nukumva Buramatari wintara yacu afata ibisanzwe ibiriko biraba mu gihe hari abanyagihugu arongoye azi neza ko bagandaguriwe muri ivyo bitero aho mbere harimwo naba police n’abasoda bapfuye hanyuma agaca amenyesha ko ngo ako karwi bakirukanye none niyaba barakirukanye nkuko abivuga kirutse kaja hehe ko ivyo arivyo yari kuduhera umuco akatubwira iyo kirukiye kugira ngo abanyagihugu batekane? Nyakubahwa mumenyeshamakuru ntimumbaze vyinshi icerekwa n’ikibona kimwe gusa abategetsi barakwiye kureke kubandanya kudufata nkibijuju twebwe turabona ukuri aho kuri.
Turikuye kuri bagenzi bacu bo kwiradiyo yabongereza BBC ijwi rya Buramatari w’intara ya bubanza aremenga atakurya umunwa canke isoni ku maso ko atabitero vyigeze biba mu ntara ya Rumonge ngo ari abashaka guca ivutu abarundi nkuko mumwiyumvira.
Ntiyagarukirije ngaho gusa mu mvugo zo kwivuguruza murayo majambo yiwe nyene gusa aranemanga ko hari umurwi wateye intara arongoye ariko akavuga ko ivyo we yise akarwi ngo bakirukanye.
Abihweza ibintu n’ibindi bakibaza uruhara rwabategetsi imbere yabanyagihugu bari mungorane bikabasiga aho bamwe bibaza icatumye ashikiriza ayo majambo mu gihe ivyo bitero bimaze guhitana abanyagihugu barenga 15 hakongera hagahagarikwa abanyagihugu barenga 10 bamwe bati ntawuzi ko boba bagira nkana canke kokoba ari ugufata minenerwe ihungabana ryumutekano muke ryirirwa riribonekeza ku musi ku musi.
Tubibutseko vyose vyatanguye kuri uyu wamungu igihe abanyagihugu bahura n’umurwi bavuga ko ari munini wabantu bitwaje ibirwanisho eka mbere bambaye n’impuzu za gisirikare wariko urarengana aho wahavuye utana mu mitwe nabajejwe umutekano bari kumwe n’Imbonerakure aho mbere hagize nabapfa murizo ntureka.
Kuri uyo musi nyene umuhari Red-Tabara wahavuye umenyesha ko izo ntambara zatumwe nuko hari ikirindiro kimwe mu birindiro vyabasirikare babo catewe ngo n’abajejwe umutekano maze ngo abo barwanyi bo muri Red-Tabara bakivuna mbere bakanatwara ibirwanisho vyaba polices bagera kuri 9 aho bemeza ko hari n’Imbonerakure zigera kuri 20 zaguye muri ico gitero nkuko biri muri iryo tangazo nyene.
Mwomenya ko naho iryo tangazo rya Red-Tabara ryemezako bafise ibirindiro muriyo ntara Buramatari wiyo ntara ya Rumonge wewe kw’iradio yabongereza BBC arabihakana nkuko mumwinyumvira.
Igiraneza Tresor