Abasirikare b’uburundi co kimwe n’ababafasha ntiborohewe mu ngwano zabahuje n’Abarwanyi ba Red-Tabara
Ibintu bitari bike nivyo vyononekaye mu ndwano zabaye ku musi w’ejo. Izo nazo nkuko twabibabwiye zabaye hagati y’abarwanya umuhari Red-Tabara bagizwe n’abasirikare b’uburundi, imbonerakure hamwe n’abanyamurenge bayoboka Nyamusalaba. Zabereye mu gihugu kibanyi ca Congo. Cumi na bane mu barwanya umuhari Red-Tabara nibo bahasize ubuzima, abatari bake barafatwa hamwe n’ibikoresho vyabo harimwo n’ibiranga abasirikare b’uburundi vyitwa mu kinyamazuru cartes matricules.
Nkuko twari twabibabwiye ku musi wejo hiriwe haraba ingwano zahuza abarwanyi b’umuhari Red-Tabara n’abasirikare ba leta y’uburundi, Imbonerakure hamwe n’abanyamurenge bayoboka Nyamusalaba. Amakuru yadushikiriye nuko abasirikare nabo bafatanije bahaboneye ayimbwa yaboneye ku mugezi. Abagera kuri 14 bahasize ubuzima, abatari bake nabo bagirwa imbohe n’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara. Inkoho zigera kuri 3 zo mu bwoko bwa kalchinikove, amasase atari make n’amagerenade , imiti hamwe n’amakarata y’akazi y’abasoda b’uburundi bita cartes matricules mu rurimi rw ‘igifaransa birafatwa.
Amakuru twaronse kandi amenyesha ko mu barongoye imirwi y’abakongomani ikorana n’abasirikare b’uburundi n’imbonerakure, hari hishikiye ahabereye intambara uwitwa Nyamusalaba, Sematama hamwe na Ruforero.
Izo ndwano zabereye mu turere tw’imisozi ya Kiryama, kumuramvya na masango neza na neza aho bita Kageregere. Amakuru twari twaronse akaba yatumenyesha ko Intandaro yizo ndwano, ari abasirikare b’uburundi, Imbonerakure, Nabanyamurenge bayoboka nyamusalaba. Bagiye kuvogera ibirindiro vy’abarwanyi b’umuhari Red-Tabara nabo baraheza barivuna. Tukaba twashoboye kumenya ko ku ruhande rw’abarwanyi ba Red-Tabara nahonyene abarwanyi babiri bakomerekeye murizo ngwano.
Uruganda rwa Radio haguruka rwagerageje kurondera abarongoye igisirikare c’uburundi duciye ku muvugizi waco Colornel Floribert Biyereke kugira agire ico atubwiye yamara telephone yiwe ikaba yahamagara ikabura uwuyitaba. Eka no kuruhande rwa leta ya Congo twagerageje kubarondera hamwe nabo mu muhari Red-Tabara yamara twabakenye.
Inkuru yanditswe na Kamikazi Jeannette