Mu Burundi habandanya kwibonekeza ubwicanyi ndengakamere kandi buteye ubwoba, twari tumenyereye ubukorerwa abadashigikiye reta ya CNDD-FDD ariko muri kino gihe busigaye bukorerwa n’abana bato cane
Kumusi wa gatanu igenekerezo rya 26 Ntwarante 2021 nk’igihe c’isaha z’ibiri z’ijoro (20h00), akana kitwa Izonderera Bon Fils, gafise imyaka igera kuri itatu (3ans) karatawe m'uruzi Ruvyironza k'umusozi Nyamugari, Commune Gishubi intara ya Gitega.
Uwagataye mur'urwo ruzi akaba ari umuvyeyi wiwe se yamuvyaye Ndikuriyo Jean Marie afadikanije n'umugore wiwe wambere Tuyisabe Emelyne. Muri ico gihe nyene nyina w'ako kana nawe yahatswe gucumitwa n'uwo mugabo yamuvyayeko araheza amuhenurira muruzi atungwa no gufata amarenga ari kunkombe kuruhande rwa colline Rurimbi, Commune Makebuko, Intara ya gitega nyene, aho yaciye akoma induru atabarwa n'ababumvyi b'amategura barara muruwo mwonga.
Muncamake uko vyagenze ; Uwo musi Jean Marie yajanye n'umugore wiwe mukuru baragenda bahenda nyina w'ako kana azwi ku mazina ya Annick ngo bagende kumusabira indaro kwa mushiki wa Jean Marie ngo buce bamusaturira itongo ryo kurera uwo mwana.
Bageze kuruzi Ruvyironza hagati ya Commune Gishubi na commune Makebuko niko guca babwira uwo mupfasoni Annick ko bumvise abagizi ba nabi (abakereranyi) hakurya ngo nyabuna twinyegeze musi y'ikiraro (INDARAYI) ngo baravayo abo bagizi ba nabi (bakereranyi) barenganye.
Muri ako kanya uwo mugore mukuru azwi ku mazina ya Tuyisabe Emelyne yaciye abwira uwo nyina wako kana azwi ku mazina ya Annick yari asanzwe affatwa nk’umugore wa kabiri wa Ndikuriyo Jean Marie ngo namukure mumugongo ngo ntahave arira ngo ahave abakwegera abo bicanyi bahave babumva.
Akimukurayo Ndikuriyo Jean Marie se wako kana yaciye amumusahura amuterera ubwonyene muruzi, muri ako kanya nyene baca basumira wa mupfasoni Annick nyina wako kana bagomba bamucumite aca akoma induru babonye vyanse Ndikuriyo Jean Marie na Tuyisabe Emelyne baca bamuhenurira muruzi baca bariruka.
Bamaze ku muhenurira muri urwo ruzi umupfasoni Annick yaciye afata amarenga ari munkombe y'urwo ruzi araheza agira Imana ayo marenga ntiyacika niko gutabarwa n'ababumvyi b'amategura barara mw'uwo mwonga. Uwo mupfasoni araheza yiganira amahano ariko aracamwo nabo baca baratangiriza hose iryo joro maze iryo joro nyene Ndikuriyo Jean Marie se wako kana akaba yaciye afatwa. Ariko uyo mugore wiwe wiwe Tuyisabe Emelyne niwe gushika Ubu atarafatwa.
Muri kino gihe ikiziga c'uwo mwana Izonderera Bon Fils kikaba kitarashobora kuboneka nkuko vyemezwa n’Umukuru w'umutumba Ézéchiel, hamwe na Musitanteri Nduwayezu M.Chantal. Nayo inyamiramabi yashoboye gukora amatohoza OPJ Séverin, akaba yaciye ayirungika igitega kuri uyu w’Imana aho akaba ariho yaciriwe urubanza rw’ikibiriraho na Sentare nkuru ya Gitega. Ndikuriyo Jean Marie akaba amaze gushikanwa mw’ibohero rikuru ry’I Gitega nkuko amakuru twarose avyemeza.
Inkuru yanditswe na Jean Claude Bugabo