Ninde yagandaguye umuvunjayi Jackson Simbananiye batazira kirahwata?

Inyuma y’urupfu rw’umugwizatunga Jackson Simbananiye, batazira Kirahwata, abemeza ko babibonye basiguye ko nyakwigendera yoba yanyurujwe n'abantu batandatu bambaye impuzu z'igipolisi igihe c'isaha zibiri z'ijoro kuri uyu wa gatatu.

Isoko ry’aradiyo haguruka ryatubwiye ko yanyurujwe avuye muri sona muri zone Rohero ya komine Mukaza asanzwe abamwo. Ababonye ikiziga ciwe bavuga ko cari gifise ikiziriko mw'izosi bisigura ko Simbananiye yishwe anigishijwe umugozi.

Ubushikiranganji bw'umutekano bwatangaje ko kuri uyu wa kane ko amatohoza kuri ubwo bwicanyi yatanguye. Petero Nkurikiye avugira ubwo bushikiranganji akaba yasiguye ko umuntu umwe yamaze guhagarikwa ku mvo z'amatohoza. Ariko abihweza ibintu n’ibindi bakavuga ko ivyo ari uruhendo rudasanzwe ngo kuko kuva iyi ntwaro ya CNDD-FDD ishika ku butegetsi atakindi bakora atari ukugandagura abarundi ubwo bushikiranganji buraho bwirorerera mbere akenshi akaba ari abakozi bo muri babubikora.

Jackson Simbananiye, umwe mu bavunjayi ba kera muri uwo mwuga, mu kwezi kw’icenda kw’umwaka uheze yarapfungiwe mw'ibohero rikuru rya Mpimba. Ico gihe yagirizwa n’ubutungane kuba yaranse gushira mu ngiro ingingo y'ibanki nkuru y'igihugu igenga ivunjwa ry'amafaranga. Ariko akaba yarafunguwe arize gufumbatisha bamwe mu bategetsi b’igihugu c’uburundi.

 Inkuru ya Tresor Igiraneza

 

Partager cet article !