• Home
  • ACTUALITÉS
  • Naho ataco amarushwa n’amarira bihanze abanyagihugu batewe n’umwuzure w’amazi ya Tanganyika vyari bitwaye abategetsi buburundi, baremerewe none bahejeje gutangaza ko igihugu kiri mu ngorane zidasanzwe

Naho ataco amarushwa n’amarira bihanze abanyagihugu batewe n’umwuzure w’amazi ya Tanganyika vyari bitwaye abategetsi buburundi, baremerewe none bahejeje gutangaza ko igihugu kiri mu ngorane zidasanzwe

 

Inyuma yamezi arenga indwi abanyagihugu baba n’abakorera ahegereye ahamaze gutera umwuzure w’amazi ya Tanganyika, reta y’uburundi igizwe n’umukuru w’igihugu, abashikiranganji, inama Nshingamateka na Nkenguzamateka hamwe nabandi bategetsi batandukanye ukamenga ntaco bibatwaye, imirwi itandukanye y’abarundi n’abanyamahanga yahagurutse irasemera iratabaza ko bitumvikana ingene abanyagihugu bapfa bakabura gitaba mugihugu kirimwo umurwi w’abantu bahonyoranako bitwako ari abategetsi b’igihugu.

Ni nomuriyo ntumbero, kuri uyu wakabiri igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2024, Ishirahamwe OLUCOME ryagendeye ibice bitandukanye vyatewe n'amazi kugira ryibonere uko ibintu vyifashe. Barongowe na Gabriel Rufyiri arirongoye   abahurikiye muriryo shirahamwe bakaba basanze koko imyuzure y'amazi ibangamiye ubuzima bw' abanyagihugu baba ahegereye ikiyaga Tanganyika cane cane mu gisagara ca Bujumbura no mu ntara ya Bujumbura. Nkuko Gabriel Rufyiri arongoye  OLUCOME yabitangaje, yamenyesheje ko aho baciye hose basanze ibintu vyinshi vyarononekaye. Ngaha akaba yasiguye ko Amazu harimwo uburaro bita amahoteri, ibitaro, amashure n' amashengero ngo vyarononekaye nayo abanyagihugu ngo bari mukajembegete.

Mw’ishirahamwe OLUCOME bakaba bamenyesheje ko uruhombo ari runini ku bwayo mazi yateye ibice bitandukanye. Kubwabo bakabona ko hariho amategeko adakurikizwa mu bijanye no kwubaka amazu mu bibanza bitategerezwa kwubakwamwo. Bakaba baciye bagirako basaba Reta gufata ingingo zotuma ivyo bintu bihagarara. Nkuko Rufyiri yabandanije abivuga, ngo mu Burundi harabuze umuco wo gukingira abanyagihugu ngo kuko no mu bihe bigoye aribo usanga bariko barifatira ingingo, ngo nayo reta yibereye ngaho. OLUCOME igasaba reta gufata ingingo ijanye no gukingira ubuzima bw' abantu. Akaba yavuze ko bitomvikana nko mu Gatumba, komine Mutimbuzi mu ntara ya Bujumbura ko abanyagihugu bakiba mu nzu ziri mu mazi, abanyeshure nabo nyene hariho abigira mu mashure akikujwe n' amazi.

Muri urwo rugendo rwakozwe n’ishirahamwe OLUCOME, iryo shirahamwe ryari ryasavye reta kureka kwinginga abanyagihugu n’abagikorera mu bice biri mu kaga gukinjura murivyo bibanza, ngo ahubwo ko yofata ingingo zo kubimura mu gukingira ubuzima bwabo. Nagashavu kenshi, Gabriel Rufyiri yari yamenyesheje ko badasubira kwihanganira reta y’uburundi kwisubira gukoranya inama nshikiranganji ico kibazo kitari kurutonde. Ibintu rero vyari vyifashe gutyo no ku mashirahamwe mpuzamakungu. Aha tukaba twovuga nkishirahamwe mpuzamakungu ONI rijejwe amahoro n’umutekano kwisi naryone ryari rirajwe umutima nizo ngorane abanyagihugu barimwo.

Kubera kugondozwa kuko atakundi bogira, abategetsi b’uburundi bahavuye bafata ingingo yo gutangaza ko igihugu kiri mu ngorane zidasanzwe kubera umwuzure w’amazi ya Tanganyika umaze igihe warateye abanyagihugu begereye Tanganyika.

Nkuko biboneka mw’itangazo ry’ubushikiranganji bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu basohoreye hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kuri uyu wa kabiri inyuma y’umutaga. Reta y’uburundi ibicishije ku mushikiranganji w’intwaro yo hagati n’umutekano Martin Niteretse, yatangaje ko abantu barenga ibihumbi 200,000 bagizweko n’ingaruka mbi harimwo abapfuye n’abateshejwe izabo, kubera umwuzure w’amazi ya Tanganyika. Muri bo abarenga ibihumbi 20,000 muri kino gihe bakaba batakigira aho bakika umusaya.

Kubwa Maritino Niteretse, yavuzeko abanyagihugu bomenya ko Gatumba hatakiri aho hokuba ahubwo ko bokwemera bakahimuka bakaja kuba aho reta iriko irabategurira muri komine ya Mubimbi iri mu ntara ya Bujumbura ngo kuko ariho bariko baratunganya kugira ngo hazokwakire abo bateshejwe izabo biturutse ku myuzure. Nkuko umushikiranganji yabimenyesheje, yavuze ko amazi ari ruburakigongwe ngo iyo ateye ntasubira inyuma. Ngo nico gituma abanyagatumba bokwemera nyabuna bakimuka ngo kuko bageramiwe n'ingaruka z'ihindagurika ry'ibihe.

Martin Niteretse akaba yagiriyeko atera akamo abasanzwe bafasha Uburundi kubanguka gutabara. Akaba yanamenyesheje ko gushika mu kwezi kwa Rusama kw'uyu mwaka wa 2024, ngo ikigo IGEBU gikwirikirana ibijanye n’ihindagurika ry’ibihe, ngo ryaramaze kugabisha no kumenyesha ko amazi azobandanya yiyongera aho kugabanuka.

Mu gihe kuva mu mwaka uheze wa 2023 gushika muri kuno kwezi kwa Ndamukiza 2024 Abarundi barenga ku bihumbi 200.000 bakozweko n’ico kiza c’imyuzure, amashure nayo arenga 200 nayonyene akaborwa nayo mazi yateye hadasigaye inyuma ingo zabanyagihugu zirenga kubihumbi 19 nazonyene zikabomorwa n’iyo myuzure, Violet Kakyomya aserukira ishirahamwe mpuzamakungu ONI yamenyesheje ko bariko baregeranya uburyo kandi ko uburyo buzokwegeranywa buzofasha mu kuronderera aho abateshejwe izabo n’ihindagurika ry’ibihe bakika umusaya. Akaba yahamagariye n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu kwihutira gufasha no guterera muri kino gihe kitoroshe igihugu c’uburundi kirimwo.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !