• Home
  • ACTUALITÉS
  • Imugambwe PPD-Girijambo hamwe n’umugambwe MSD bamenyesha abarundi n’amakungu ko inkuru imaze minsi ivurwa yitangwa ry’imipanga atariyo

Imugambwe PPD-Girijambo hamwe n’umugambwe MSD bamenyesha abarundi n’amakungu ko inkuru imaze minsi ivurwa yitangwa ry’imipanga atariyo

Nkuko tubisoma muriryo tangazo ryateweko imikono n’abashingantahe babiri, Leonidas Hatungimana wa PPD-Girijambo na Alexis Sinduhije wa MSD, bamenyesha ko haheze iminsi hatangajwe amakuru n' ibimenyeshamakuru bimwe bimwe ajanye n' igugwa hamwe n' itangwa ry'imipanga ku mbonerakure izokoreshwa mukwica abantu, cane cane muri komine Mutimbuzi, mu ntara ya Buzujumbura. Bakavuga ko mu migambwe iwabo ngo bafashe nkama ayo makuru, ngo baraheza imigambwe PPD-Girijambo na MSD baca bashira inguvu mukugira amatohoza yimbitse.

Muri PPD-Girijambo na MSD, bakemeza ko iruhande ya kahise k' igihugu c' uburundi n' akarere, amakuru nkayo ajanye n' igugwa n' itangwa ry' imipanga afise inkurikizi yo kwankanisha abantu bikabashikana ku kwicana. Iyo migambwe ibiri rero PPD-Girijambo na MSD ngo yarabajije abanywanyi bayo bari ku mitumba, abasangirangendo mu vy' ubuzima bw' igihugu, abo mu karere n' abandi batari bake, ngo nta na kimwe iyo migigambwe yaronse cerekana iryo gugwa n'itangwa ry'imipanga vyavuzwe muri ivyo bimenyeshamakuru.

Kuberivyo, imigambwe PPD-Girijambo na MSD iraremesheje abarundi n' amakungu ifatiye ku matohoza yakoze ikanasaba abarundi kuguma bafatanye mu nda no gushira hamwe. Ngo yamara naho biruko, iyo migambwe ihamagarira abanyagihugu gushira inguvu hamwe barwanye ubutegetsi bw' igikenye bwa CNDD-FDD bibandanya kwica, gupfunga no gucinyiza mugusesa amaraso. Kubwabo ngo ata gukekeranya, abanyagihugu bashize hamwe, vuba bazoba basezereye iyo ntwaro.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !