• Home
  • ACTUALITÉS
  • Ikibazo c’igurishwa ry’ibigori mu kigo ANAGESA kinyegeje ibintu vyinshi, n’ibiriko biraba i Buganda mu ntara ya Cibitoke ni akajoreza

Ikibazo c’igurishwa ry’ibigori mu kigo ANAGESA kinyegeje ibintu vyinshi, n’ibiriko biraba i Buganda mu ntara ya Cibitoke ni akajoreza

 

Mugihe hirya no hino mu gihugu harangwa amarira n’imyidogo yerekeye igura n’igurishwa ry’ibigori mu kigo ANAGESA, aho usanga ico gikorwa kibamwo amanyanga n’igipfungu bisize ubwenge, mu ntara ya Cibitoke cane cane i Buganda hoho bavuga ko ibiriko biraba ari akamuna. Akarorero gatangwa muriyo Komine ngo ni ukubona abari bajejwe kugurira ibigori abanyagihugu, ngo baciye bahindura bakaja muvyo kwikorera urudandazwa  bakoresheje ayo mafranga ya reta.

Nkuko ico gikorwa cari categuwe kikongera kigashirwa mu ngiro na Reta y’uburundi mu ntara zose z’igihugu, aho Reta yashinze igiciro c'ibigori ku munyagihugu wese abishoye ko azogurirwa ku kiro kimwe amafaranga agera ku gihumbi n’amajana indwi (1700FBu/kg), bagaheza bakabigurirwa n’ikigo ANAGESA, muri Komine Buganda, ico gikorwa co kugurira ibigori abanyagihugu cari cahawe uwitwa Tharcisse Yamuremye nk'uwubikurikirana ku rwego rwa komine yose. Hanyuma Dieudonné Ntirampeba yarajejwe kubigura muri zone ya Gasenyi, mugihe muri zone ya Ndava naho uwarajejwe kubigurira abanyagihugu yari uwitwa Patrick Tuyishime.

Abo bose bamaze guhabwa amafranga y’ikigo ca ANAGESA kugira ngo bashobore kugurira ibigori abanyagihugu,  baciye bashiraho imigwi y'abantu bakorana, nabo baca bashwara mu mihana y'abanyagihugu batangura kugurira ibigori abanyagihugu bakoresheje bwaburyo bw’ikigo ANAGESA ku giciro gito c’amafaranga igihumbi kimwe, uwo bahaye menshi bakaba batamurenza amafaranga igihumbi n’amajana abiri (1000) canke 1200Fbu/kg)  bagaheza bagaca babizana mu kigo ANAGESA bakandikako vyaguzwe kuri ca giciro ca Reta (1700).

Akamaramaza ni kubarimyi bo mu ntara ya Cibitoke baretse kubigurisha mu manyanga bakabijana murico kigo ca Reta ANAGESA, mugihe bari bamaze hafi ukwezi  batubitse umukanda mu nda, inyuma yo kwumvako amafranga yabonetse, bikaba vyarangiye bataronkejwe n’urwakongo kugira ngo basumire imiryango akunyu n’utundi twankenerwa kuko bagize bartya babwirwako amahera yaheze. Amakuru abo banyagihugu babwirwa ngo kukaba ari uko  habaye manka y’imiriyoni cumi n’imwe (11), muri kino gihe hakaba hari umwe mubari bajejwe kugura ivyo bigori Dieudonné Ntirampeba yaraye ijoro ryambere mu gasho ka komine Buganda. Bagatangazwa no kubona bariko barakorerwa ibintu nkivyo kandi iyo ntara ya Cibitoke isanzwe ivukamwo umushikiranganji wambere wa Reta y’uburundi Gervain Ndirakobuca batazira Ndakugarika, uwo nawe ngo akaba yaheruka gutanga gasopo ko abanyagihugu bategerezwa kuroswa amafaranga yabo atakirize gusabwa.

YNkuko amakuru dukura ngaho mu ntara ya Cibitoke avuga, niryo hagarikwa n’ipfungwa ry’abamwe n’abandi mu bikekwa kunyuruza amafaranga ya ANAGESA, ngo hariko habamwo igipfungu n’akamwana wa Maman, ivyo bakabivuga bafatiye kukubona Ntirampeba Dieudonné,  yari ajejwe kubigura muri zone ya Gasenyi wenyene, nayo abandi bose bidegemvya. Noneho akajogeza, ngo kukaba ari ukubona uwitwa Yamuremye Tharcisse yari abijejwe ku rwego rwa komine yose, ngo yarafashwe agapfungwa umwanya urume rumara hanyuma agaca arekurwa agataha, arekuwe na Musitanteri wa Buganda asanzwe ari somambike wiwe.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !