• Home
  • ACTUALITÉS
  • Jean Paul Manirakiza yahora arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball mu Burundi FEBABU, naho yaraye atanze imihoho, akwiye gukwirikiranwa n’ubutungane

Jean Paul Manirakiza yahora arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball mu Burundi FEBABU, naho yaraye atanze imihoho, akwiye gukwirikiranwa n’ubutungane

Mugihe atokwirikiranwa n’ubutungane kugira ngo ahanirwe amakosa yakoze yatumye igihugu cambikwa urubwa kigasuzurwa mu makungu, ntaco bizoba bimaze gutanga imihoho kwiwe. Uwo ni Jean Paul Manirakiza avurwa n’abanyagihugu, yahora arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball mu Burundi FEBABU, yaraye atanze imihoho, kuri uyu wa gatanu.

Nk’uko tubisoma mw’ikete ryiwe yandikiye abagize inama ya bose n’urwego nshingwabikorwa rw’iryo shirahamwe basketball mu Burundi FEBABU, avuga ko yafashe iyo ngingo bivuye ku mpamvu ziwe kandi afatiye no ku vyo yasabwe na bamwe n’abandi atigeze avuga abaribo. Ivyo akaba abikoze inyuma y’iminsi mike iryo shirahamwe rihagaritswe vy’imfatakibanza n’ingingo y’ishirahamwe ry’urwo rukino kw’isi FIBA.

Nkuko biri mw’ikete ryari ryarungikiwe uwurongoye FEBABU, itariki 12 Ndamukiza 2024. Hakaba hari inyuma y’aho umurwi wa Dynamo wankiwe kubandanya ihiganwa biturutse ko wanse gukina wambaye umwambaro wanditseko « Visit Rwanda », ijambo ryari ryashizwe kuriyo myambaro kubera igihugu c’urwanda arico cari catanze imfashanyo yo gushigikira izo nkino, zariko zirabera muri Afrika y’epfo mu kwezi kwa gatatu. Guhera ico gihe hakaba haciye haduka ukutumvikana mw’ishirahamwe FEBABU, mère bituma bamwe mu ndongozi batanga imihoho.

Nkuko vyari vyasiguwe n’uwurongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball kw’isi FIBA, akaba yari yagirije ishirahamwe ry’umupira w’amaboko basketball mu burundi ko habaye kurenga amategeko. Muvyo bagirizwa akaba ari nko kuba mu rukino rwa mbere umurwi wa Dynamo waranyegeje ahanditse « Visit Rwanda » binyuranye n’amategeko agenga ihiganwa. Akaba yibukije ko abarongoye FEBABU aribo bari basavye ko utohirahira ngo ukine wambaye umwambaro uriko ivyo vyandiko. Yamara naho biri uko uburundi ngo burafise ikiringo co kwisigura canke kugira ico buvuze kuri iyo ngingo hatarenze kw’itariki 23 ukwezi kwa kane uyu mwaka, mu kurindira ingingo zizotomora ibihano ntabanduka.

Bamwe mu rwaruka bakaba babona ko ivyo vyose ari ingaruka zuko reta y’uburundi yama igenda irivanga mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu, bati ntivyumvikana kandi ntibitahuritse, ingene nkivyo vyari gutera ikibazo bigatuma ubwira n’ubukerebutsi abakinyi b’umurwi wa Dynamo vyari vyatumye bashika ku rwego nkurwo bari bagezeko binigirwa mu menshi. Ngo ntaho vyakabaye ko ivya politike bishirwa no mu nkino z’urwaruka. Kubwurwo rwaruka bakaba bamesha ko ivyabaye ari uguca intege urwaruka no gusuzuguza igihugu n’abarundi mu makungu.

Tubibutse ko Jean Paul Manirakiza, yari yatowe muri ayo mabanga mu kiringo c’imyaka 4 n’inama ya bose yo ku wa 8 Myandagaro umwaka wa 2021. Akaba atanze imihoho kubera amakosa ateye ubwoba yakoze arimwo n’ubusuma bwamafaranga yagirizwa kuba yaranyonoye agisigaje ikiringo c’umwaka wose urenga. Bamwe n’abandi bakabona ko mugihe atokwirikiranwa n’ubutungane kugira ngo ahanirwe amakosa yakoze yatumye igihugu cambikwa urubwa kigasuzurwa mu makungu, ataco bizoba bimaze gutanga imihoho kwiwe.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

 

Partager cet article !