• Home
  • ACTUALITÉS
  • Inzu 375, Umwana w'imyaka 4, n’abanyagihugu 2.485 bariko baraturatura barondera aho bakika umusaya, hamwe n’amahegitari 500, nivyo vyaraye b’ihitanwe n’umusozi wa Gabiro

Inzu 375, Umwana w'imyaka 4, n’abanyagihugu 2.485 bariko baraturatura barondera aho bakika umusaya, hamwe n’amahegitari 500, nivyo vyaraye b’ihitanwe n’umusozi wa Gabiro

Ku mugoroba wo kuri uyu wa 19 Ndamukiza 2024, inzu zigera ku 375 zigizwe ninzu z'abanyagihugu harimwo n'izindi nzu zegukira Ubushikiranganji mu vyo bujejwe harimwo ubutare na gataka kugira ngo zizoshikiremwo umuyagankuba uva ku rugomero rwa "Kirasa Energy" zaraye zisenyutse zihitanwe n’umusozi wa Gabiro zose atanimwe isigaye. Ivyo bikaba vyabereye ku musozi wa Gabaniro wo muri komine Muhuta mu ntara ya Rumonge. Mubindi bivurwa ko vyononekaye, haravurwa Umwana w'imyaka 4 yahasize ubuzima, nayo abanyagihugu bagera ku 2.485 bakaba baraye baraturatura barondera aho bosaba indaro, hadasizwe inyuma imirima ingana n’amahegitari 500 yononekaye.

Amakuru twakuye kuri uyu musozi wa Gabiro, amenyesha ko gusenyerana kw'uyo musozi vyavuye ku k'imanga kinini cari ku musozi wa Gabaniro casadutse kuva hejuru gushika mu mwonga, biraheza bica bituma amazu yose hamwe n'ibindi vyose vyari kuri uyo musozi bisadagurika biramanuka gushika no mu ruzi rwa Kirasa hubatswe urugomero. Abo banyagihugu bose bo kuri uwo musozi akaba atanumwe yaraye mu nzu. Bamwe bakaba bagiye gusaba indaro mu Kabezi hamwe n’ibindi bice, mugihe abandi nabo baraye bahagaze bamwe barondera ivyabo vyazimiye, batari bubironke.

Murayo makuru nyene, biranavurwa ko hari n'abantu batarabonana n'imiryango yabo ngo kuko mu guhunga atanumwe yajana n'uwundi. Muri kino gihe abanyagihugu bakaba bafise amakenga menshi ko hari ababo bahitanywe nayo mazu yabomotse. Mugihe abo banyagihugu bataka batabaza batagira uwo bayaha, abajejwe intwaro bo ntakajambo bashima kuvuga kucokorwa kugira ngo abo banyagihugu batabarwe.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

 

Partager cet article !