• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umuhari MAP-Burundi buhire uratabariza Abarundi bahuye n' ibibazo biturutse ku mvura igwa ari nyinshi

Umuhari MAP-Burundi buhire uratabariza Abarundi bahuye n' ibibazo biturutse ku mvura igwa ari nyinshi

Umuhari MAP-Burundi buhire uratera akamo abarundi n' amakungu gufasha abarundi bariko bahura n' ibibazo biturutse ku mvura igwa ari nyinshi. Nkuko biri mu rwandiko uwo muhari waraye ushize ahabona kuri uyu wa 21 Ndamukiza, umwaka w' 2024.

Muri urwo rwandiko, umuhari MAP-Burundi buhire uvuga ko abanyagihugu batari bake bahuye n' ivyago bari mw' ibarabara batagira aho gukika umusaya, bakaba babundabundana utuntu duke bashoboye kurokora muguhunga bava mu bice vyashikiwe n' ingorane. Ikibabaje gushika ubu, ngo nuko abahuye n' ivyago batarafashishwa na reta ikintu na kimwe.

Nkuko biboneka muri urwo rwandiko rwateweko umukono na Libérat Ntibashirakandi umuvugizi w'umuhari MAP-Burundi buhire, basaba umukuru w'igihugu c' uburundi kuva mu gacerere agire ico ashikirije ngo nkuko yiyita se barundi hakaba hari abarundi bari mu ngorane zidasanzwe, batagira ico bafungura, abana babo batakija ku mashure. Ivyo vyose bikaba ngw' ata n' umwe ariko arafasha abo bantu. Imfashanyo yihutirwa ngo yari ikwiye gutangwa na reta.

Abanyagihugu nabo nyene bo muri komine Muhuta twaraye  tuvuganye inyuma yaho muri iyo komine hasidukiye umusozi wa Gabaniro muri zone Gitaza ukonona ibintu vyinshi bakaba nabo bamenyesheje ko babona ko reta itariko ibitaho ngo kandi barumvise umukuru w'igihugu c'uburundi avuga ko uburundi butagisaba imfashanyo kw'ahubwo busigaye bufasha abandi.

Uwo muhari ugaheraheza usaba abahuye n' ingorane nyinshi kwihangana.

 Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !