Umumenyeshamakuru Paul Mahwera yaryamiye ukuboko kwabagabo

 

Uburundi buhejeje kubura inararibonye mu mwuga wo kumenyesha amakuru, Paul Mahwera, akaba yarabaye umumenyeshamakuru mw’iradiyo yabadagi  la Voix d'Allemagne. Umumenyeshamakuru Paul Mahwera, yaryamiye ukuboko kwabagabo ku mugoroba w’uyu musi wambere itariki 22 Ndamukiza 2024.

Umumenyeshamakuru Paul Mahwera, azwi nkumumenyeshamakuru yakoze ibidasanzwe mu mwuga wiwe, akaba avurwako ubutwari n’ubukerebutsi muri uyo mwuga wo kumenyeshamakuru, na cane cane ko yakoze no mubihe bidasanzwe.

Ikindi umumenyeshamakuru Paul Mahwera bamuziko, ni uko yagize uruhara rudasanzwe mugufasha umuhari FDD ukiri mw’ishamba utaracika umugambwe CNDD-FDD, muguhuza indongozi zuwo muhari nabarongoye igihugu ca Repubulika Iharanira intwaro Rusangi ya Congo kugira ngo ico gihugu gishobore gufasha uwo muhari.

Eka na leta ya CNDD-FDD, ku ntwaro yambere ya Petero Nkurunziza nimba ntihenze, yaragenye umumenyeshamakuru Paul Mahwera kuba umuserukizi w’igihugu c’uburundi mu Busuwisi. Abamuzi bakaba bemeza ko yaranguye neza amabanga yiwe.

Uwo mumenyeshamakuru, Radio-Haguruka ikaba imaze kumenya vyinshi izomwibukirako. Muruganda rwa Radio-Haguruka tukaba duhojeje umuryango wabuze hamwe n’abo basangiye umwuga wo kumenyesha amakuru. Imana imwakire mu bwami bwayo.

Inkuru yanditswe na Jeannette Kamikazi.

Partager cet article !