• Home
  • ACTUALITÉS
  • Radio-Haguruka yatanguye gushira ahabona amatohoza yakoze kuvyerekeye igihuha kimaze iminsi c'Imipanga

Radio-Haguruka yatanguye gushira ahabona amatohoza yakoze kuvyerekeye igihuha kimaze iminsi c'Imipanga

1.Barundi aya niyo mafoto y’imipanga twarungikiwe n’Imbonerakure yo muri Komine Mutimbuzi intara ya Bujumbura, akaba yaranarungikiwe n’abandi, kugira ngo afatwe nkivyemezo mugabo vyukuri ataho ihuriye n’amakuru yakwiye hirya no hino kwisi ko hari imipanga yatumweko hanze y’igihugu kugira ngo ihabwe Imbonerakure nazo zishobore gutikiza inganda. #Igihuha #Imipanga.

2.Amafoto y’imipanga yaduhaye ni 43, ariko tumaze gusuzuma neza twasanze ari imipanga itarenga itanu. Itatu ifise ikirindi cera, hamwe n’imipanga ibiri ifise ikirindi c’irabura. Ariko yafotowe muburyo butandukanye hamwe bayikikamitse, ahandi naho bayishinze, ahandi bayihinduye ku ruhande canke kurundi ruhande. Kuburyo umuntu yokwibesha ko ari imipanga myinshi. #Igihuha #Imipanga.

3.Amafoto yiyo mipanga 5 yanditsweko na Marikeri ibiharuro. Itatu ifise ikirindi cera yanditsweko igiharuro 7 yose uko aritatu, uwugira kane wanditseko igiharuro 6 uwa gatanu wanditsweko ibiharuro 65. Uwa kane n’uwa gatanu yose ifise ibirindi vy’irabura. Umuntu atabisuzumye neza ko ivyo biharuro ari ivyiyumviriwe yokwibesha ko ari myinshi. #Igihuha #Imipanga.

4.Dufatiye ku makuru tumaze kuronka mugihugu cose, nayatanzwe muri Komine Mutimbuzi niyo mbonerakure, turashobora kwemeza atagukekeranya ko ayo makuru y’imipanga ivurwa ko yakuwe hanze y’igihugu itumweko na Reta n’umugambwe CNDD-FDD ari ikinyoma cambaye ubusa catewe n’abantu gushika uyu musi bataramenyekana. #Igihuha #Imipanga.

5.Imbonerakure ishobora kuba yarakoreshejwe mugukwiza no mugutanga ico gihuha kubera inyungu ziwe zo kurondera amafaranga mugabo itazi uburemere bizokora kubuzima bw’igihugu n’abanyagihugu. Imipanga atanga nkivyemezo birashoboka ko ariyo yiguriye mw’isoko nabo bakorana, mugabo vyukuri ntaho ihuriye n’amakuru yakwiye ko hari imipanga iriko iratangwa. #Igihuha #Imipanga. 

6.Turafise umwidondoro wose w’iyo mbonerakure, ama telephone yose akoresha, hamwe n’ubutumwa butandukanye yandikiranye n’umwe mu barongoye ibimenyeshamakuru n’amaradiyo bikorera hanze. Ariko kubera amategeko y’umwuga atabitwemerera twabangiriye kubishirahabona. #Igihuha #Imipanga. 

7.Mu makuru azokwirikira tuzobashikiriza ibindi twaronse vyerekeye ayo makuru y’imipanga ihabwa imbonerakure, hamwe nivyo  iyo mbonerakure y’ivugiye kuvyerekeye ayo makuru yatanze hirya no hino kubimenyeshamakuru n’amaradiyo hamwe no kumashirahamwe aharanira agateka kazinamuntu. #Igihuha #Imipanga.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !