• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hahejeje guhungabana umutekano mu gisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru w’igihugu w’ubutunzi

Hahejeje guhungabana umutekano mu gisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru w’igihugu w’ubutunzi

Muri iri joro ryo ku wa 24 Ndamukiza 2024, mu gisagara ca Bujumbura ku murwa mukuru w’igihugu w’ubutunzi, hahejeje guhungabana umutekano. Abanyagihugu bakaba bahejeje kumva urwamo rw’ibintu bituragurika mubice bitandukanye vy’igisagara. Bamwe mubanyagihugu bakaba bemeza ko biturika nkibisasu ntezwantoke abandi bakunze kwita Grenades.

Nkuko amakuru turiko turakura mu gisagara ca Bujumbura abivuga, hamwe muhumvikanye ivyo biturika akabari muri Quartier 9 mu Ngagara, Kigobe n’ahandi. Bikavurwa ko ari umurwi wabantu bahejeje guturira utuzu (Cabinet) turimwo ivyuma bifasha mu gutanga umuyagamunkaba vy’ishirahamwe Regideso ngo hamwe n’ibindi bitari bike bitaramenyekana vyononekaye.

Mu gisagara ca Bujumbura aba polisi bakaba bariko baranyuragirana kubwinshi, mu bice bimwe bimwe bakaba barikumwe n'abasirikare hamwe n'Imbonerakure. Abanyagihugu bakaba batubwiyeko bariko bararondera abo bantu bahejeje gutera ivyo bisasu ntezwantoke. Bamwe mubanyagihugu bakaba batubwiyeko hari Abapolisi bababwiyeko ivyo bintu ngo bihejeje gukorwa n’abarwanyi ba Red-Tabara, ngo ko rero abanyagihugu boba maso bagatangira.

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !