Mbe uburundi buri muri "State capture"

"State Capture"  umuntu yovuga ko ari isahurwa ry'amashirahamwe n'amahinguriro y'igihugu bivuye cane cane ku biturire vy'abari ku butegetsi hamwe n'ihindurwa ry'amategeko rituma abari ku butegetsi boroherwa mu gufata ingingo zorohereza canke zishira imbere inyungu zabo.

Raba namwe ibikorwa mu gisata co guha amatara abarundi. Barrage ya Mpanda murazi ko igihugu cahomvye imiriyaridi mirongo itanu nazine (54 milliards FBU). Raba kandi ibibazo mu bijanye n’iyubakwa rya barrage Jiji-Mulembwe na Kaburantwa. Ico gisata kirimwo ibintu binyibutsa scandales ry' ishirahamwe ritanga amatara ryitwa Eskom ryo muri Afrique du Sud.

Ibisata birimwo ibibazo n'ivyinshi kandi hose harimwo ukuboko kw'abategetsi. Kandundura nivyerekeye ibikorerwa muri banki nkuru mwitangwa ry'ama devises. Umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye arakunda kudusamaza yidoga ariko abarundi hari abatazi ko hariho ingingo 59 iri mwitegeko ry’umukuru w’igihugu (décret 100/236) yo kuwa 12 octobre 2021 igira BRB "Administration spécialisée à la présidence". BRB ubu imeze nk’iperereza ry’umukuru w’igihugu (SNR) kuko iri mu bintu bitwarirwa muri vy’umukuru w’igihugu (présidence).

Iyo "State capture" muri Afrique du Sud hari harimwo abayungukiramwo hadasigaye inyuma n’umukuru w'igihugu Jacob Zuma harimwo n'ibindi bihangange muri ANC na famille Gupta. Mu Burundi ndiko ndumviriza ibivugigwa mu nama nshingamateka iyo bariko bavuga ibijanye n'ikoreshwa ry'amahera y'igihugu novuga ko famille y'umukuru w'igihugu irimwo, harimwo kandi abantu bajejwe itanga ry'amasoko aha twoshiramwo naba jenerare (Généraux) batwara amashirahamwe mwumva arimwo ibibazo. Harimwo n'abandi bavurwa na Gabriel Rufyiri muri iyi reresi iri kuri youtube.

https://youtu.be/XCpUnFNElFA?si=V7j_y2sVWvoJ7Xp8

Iyo "State capture" tuyirimwo  kandi ayo mahera biba ni amahera y'amakori atangwa kandi ava mu banyagihugu hamwe rero n'amahera Uburundi buronka nk'ifashanyo canke bwaronse nk'ideni.

Dusabwa rero guhaguruka twikureko abo basuma kuko iyo "State Capture" niyo idukenesha gushika kurugero tubura ifumbire, isukari, imiti, igitoro eka n'ibindi abanyagihugu dukenera gushika kukayeri ka Brarudi. Muri Afrique du Sud kugira ngo ivyo bibazo bigabanuke, bafashe ingingo yo gukura Jacob Zuma no mu Burundi kugira ngo ivyo bibazo bikemuke ntacobuza ko dukura Varisito Ndayishimiye kandi n'igikorwa ca twese.

 

Karikumutima.

 

Partager cet article !