• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umugambwe Sahwanya FRODEBU urihaniza CNND-FDD ko kizira kikazirirzwa kwiyitiranya n’inzego z’igihugu, nayo icibagiwe co ngo ni ukwiyitiranya n’igihugu

Umugambwe Sahwanya FRODEBU urihaniza CNND-FDD ko kizira kikazirirzwa kwiyitiranya n’inzego z’igihugu, nayo icibagiwe co ngo ni ukwiyitiranya n’igihugu

Nkuko biboneka mw’itangazo, umugambwe Sahwanya FRODEBU waraye usohoye, bavuga ko banezerejejwe n’ingendo y’umugambwe CNDD-FDD yo kwemera ko igihugu cugarijwe n’ibibazo bikomeye kandi bitegerezwa gutorerwa umuti vyihuta, inyuma y’imyaka irenga 18 uri k’ubutegetsi. Ivyo bibazo navyo bizingamitse igihugu akaba ari ikibazo c’amahoro n’umutekano, ugukundisha igihugu abanyagihugu, indero mu mashure, kwishira no kwizana kw’abanyagihugu n’imigambwe, umwidegemvyo ku banyagihugu mu gushikiriza ivyiyuviro vyabo ata gukebaguzwa, kugarukira itunga ry’igihugu rigeze aho umwansi ashaka, n’ibindi n’ibindi.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU kandi, uranegura wivuye inyuma cane, kubona umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, ugenda gutunganya ikoraniro uvuga ko igiye kwicarira ibibazo vyerekeye ubuzima bw’igihugu n’abarundi bose, nanyangingo zigafatwa gihutihuti n’umurwi umwe udaserukira abarundi bose, zidateguwe neza, sahwanya FRODEBU ukanegurwa n’aho zafatiwe. Kubwumugambwe Sahwanya FRODEBU ukavuga ko wisunze kahise n’ingendo yamye iranga umugambwe uri ku butegetsi, ngo ivyo birashobora gutuma izo ngingo zidatunganywa ngo zongere zije mu ngiro uko vyategezwa. FRODEBU ikabona ko ingingo mwenizo zishobora kumera nk’iyindi migambi n’imigabo myinshi canee reta n’umugambwe CNDD-FDD bamaze imyaka bashikiriza abarundi, yamara ngo abarundi ntibigere bamenya irengero ryayo. Sivyo gusa, FRODEBU ikabona ko ubukene n’ibipfungu biri mu vyiyumviro n’ivyitwa inyishu zimwe zimwe mu zo iryo koraniro ry’umugambwe CNDD-FDD ryashize ahabona mu gutorera inyishu ibibazo bimwe bimwe bihanze u Burundi, ngo birerekana neza ko ingendo yakoreshejwe n’ibisubizo vyatanzwe, bitajanye na gato n’uburemere bw’ibibazo bihanze igihugu n’abanyagihugu.

Umugambwe Sahwanya FRODEBU uributsa kandi ushimitse ko ibibazo nka vyose ikoraniro kaminuza rya CNDD-FDD ryaraye ryicariye rikongera rigafata ico ryise ingingo zo kubitorera umuti, ngo bisanzwe ari ibibazo vyimonogoje mu myaka 18 umaze uri kubutegetsi. Muri FRODEBU bafatiye kuvyavuzwe n’umuhinga Albert Einstein ko  « atawokwizigira ko abagize uruhara mu gutera ingorane aribo bazozitorera inyishu », bakabona rero ko bikigoye  kwemera ko abari mu mugamwe uri ku butegetsi bazoshobora gutorera umuti ibibazo bihanze u Burundi kuva uyo mugambwe uburamutswa. Ngo namwarirya muri iyo myaka yose, umugambwe uri ku butegetsi n’abawurongoye, hamwe na bakuru b’igihugu barongoye u Burundi kuva mu mwaka wa 2005, ngo batasivye kwama bavyidogera, bakanavuga ko ingingo ruhasha zigiye gufatwa, yamara ko gushika nubu abarundi barindira yamara amaso agahera mu kirere.

Muri Sahwanya FRODEBU, bakaba bagiriyeko bahanura bongera bihaniza umugambwe CNDD-FDD, ko mu ntwaro ya Demokarasi ishingiye ku migambwe myinshi kizira kikazirirzwa kwiyitiranya n’inzego z’igihugu. Nyon go icibagiwe co ni ukwiyitiranya n’igihugu. Kubwa FRODEBU ngo iyo ngendo itabereye abarundi bose ngo basanzwe bazi aho yashikanye u Burundi kuva bwikukira, ngo kanatsinda ingendo nkiyo ngo yama igendera mu makanda y’ingendo y’ubutegetsi n’intwaro bihagaze ku mugambwe umwe. FRODEBU rero igatangazwa no kubona CNDD-FDD yorangwa niyo ngendo, kandi nayonyene yagiye mw’ishamba kugwanya urugamba rwo guhabura demokarasi no gusubiza agateka abarundi bari bahejeje kwicirwa umukuru w’igihugu bitoreye. CNDD-FDD ngo ikwiye kumenya neza ko zaba inzego, canke igihugu, ari ivy’abarundi bose atawukumiriwe.

Nayo ku bibazo bijanye n’ubuzima bw’igihugu n’abanyagihugu : amahoro n’umutekano, gukundisha igihugu, kwishira no kwizana kw’imigambwe n’abanyagihugu, ubutungane kuri bose, ukunywanisha no gusubiza hamwe abarundi, gusabikanya ivyo igihugu gitunze, kugarukira itunga ry’igihugu, amashure n’amagara y’abantu n’ubuzi, ngo niyaba umugambwe CNDD-FDD wemera ko hariho inzego zatowe kandi ziserukira abanyagihugu, ngo ingingo zose zerekeye ivyo bibazo vy’ubuzima bw’igihugu zitegezwa gufatirwa muri izo nzego, ku neza y’igihugu n’abanyagihugu bose, ata mwana n’ikinono, ata nyagupfa, ata nyagukira. Iyo ngo niyo demikarasi, ubwo ngo nibwo butungane kuri bose.

Kubw’iyo mvo, mu mugambwe Sahwanya-FRODEBU bakaba bamenyesha abarundi n’amakungu ko bihweje ivyavuye mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe uri ku butegetsi, bafata ivyaraye bishikirijwe n’umugambwe CNDD-FDD nk’ivyiyumviro canke nk’intererano vyega uyo mugambwe gusa, ngo vyoheza bigafatwa nkuko n’iyindi migambwe canke indi mirwi n’amashirahamwe ari mu gihugu yama yabishikirije.

Naho kuba Umunyabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD yaraye ashikirije ko naho u Burundi bwogaruka mu ntwaro y’umugambwe umwe ata kibazo abibonamwo, umugambwe Sahwanya FRODEBU, ufatiye ku biri mw’Ibwirizwa Nshingiro be n’ayandi mategeko u Burundi bugenderako, uremeza ko u Burundi bukiri mu ntwaro ya demokarasi ishingiye ku migambwe myinshi gushika bihindutse. Sahwanya FRODEBU ikaba unegura abiyumvira mbere n’abacisha mu vyiyumviro ko u Burundi bwosubira mu ntwaro y’umugambwe umwe ; kubwabo aho intwaro y’umugambwe umwe yashikanye U Burundi n’abarundi ngo barahazi, vyongeye kandi ngo n’umugambwe CNDD-FDD nimba atari ukuvyirengagiza ngo ntuhayobewe, ngo nayo ahandi hoho ntiwari gufata ibigwanisho ngo ugwanire guhabuza demokarasi.

Nayo mugihe bimaze kugaragara ko umugambwe CNDD-FDD na reta ziwukomokako ko baterekwa iyubahirizwa n’ikoreshwa ry’amategeko, cane cane ibwirizwa nshingiro, Umugambwe Sahwanya FRODEBU usaba inzego zose z’igihugu, uhereye ku rwego rw’Umukuru w’igihugu, kwisunga no gukurikiza Ibwiriza shingiro be n’ayandi mategeko yose ngenderwako, no kubandanya zihagarariye ineza y’u Burundi n’abanyagihugu muri vyose na hose. Ngo nayo ivyerekeye imigambi yose yerekeye ubuzima bw’igihugu n’abanyagihugu, CNDD-FDD ngo ikwiye kumenya neza ko itegurirwa mu nzego zatowe n’abanyagihugu ngo hanyuma n’ingingo ziyerekeye zigaheza zigafatirwa muri izo nzego nyene biciye mu muco no kudakumirana.

Mugusozera iryo tangazo ryabo, muri Sahwanya FRODEBU basaba bashimitse Reta y’u Burundi, gufata ingingo zose zishoboka kugira ibibazo bihanze igihugu bitorerwe umuti. Kurivyo abo bose bahunze igihugu, ngo nkenerwa ko batahuka mu mahoro n’umutekano mucabibarutse, ngo bagaheza bagasubizwa mubabo no mu vyabo ngo bagaheza bagafashanya kubaka igihugu n’abandi. Nayo Abapfungiwe ivyiyumviro vy’abo ngo bakwiye gupfungurwa ngo kugira n’abo nyene baze guterera umuganda. Abanyonora n’abarya ibiturire, abanyuruza n’abasesagura itunga ry’igihugu, abo bose ngo bakwiye gufatwa bagakubitwa intahe mu gahanga, ngo hanyuma basubize ivyo basahuye igihugu. Aho ngo niho Reta izoba ibaye koko reta nkozi, reta mvyeyi.

Vyanditswe na Jeannette KAMIKAZI.

 

Partager cet article !