• Home
  • ACTUALITÉS
  • Birirwa barahohoterwa ubuzima kandi ntibagaburigwa, inzara iri mukubicira mu gasho k'iperereza ry'uburundi.

Birirwa barahohoterwa ubuzima kandi ntibagaburigwa, inzara iri mukubicira mu gasho k'iperereza ry'uburundi.

Abo ni abarwanyi babiri b'umuhari Red-Tabara Egide Nkurunziza na Saturnin Minani. Nkuko amakuru dukura mw'iperereza ry'uburundi abivuga, ingingo yo kutagaburira abo bapfungwa yatanzwe n'uwurongoye urwo rwego rusanzwe rutwarirwa mu biro vy'umukuru w'igihugu, Jeneral Ildephonse Habarurema.

Abo barwanyi babiri bakaba bakuwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba aho bari bapfungiwe, ubu bakaba bapfungiwe ku cicaro gikuru c'iperereza ry'uburundi iiri muri komine Mukaza mu gisagara ca Bujumbura. Intumbero yatumye hafatwa iyo ngingo, ngo n'ukugira abo barwanyi bapfe hazovugwe ko bishwe n'urw'akarago. Ni mu gihe kubagandagura hakoreshejwe ubundi buryo nkuko vyirigwa biraba ku bandi banyagihugu bisa n'ibigoye ngo kuko isi yose izi ko abo barwanyi co kimwe n'abandi aho bose bagera kw'17 bashikirijwe  reta y'uburundi n'igihugu kibanyi c'urwanda izuba riva.

Naho reta y'uburundi ishaka kugandagura abo barwanyi ikoresheje inzara, abaharanira agateka ka zina muntu bavuga ko ibizoshikira abo barwanyi ari reta nyene izobibazwa na cane cane abasanzwe bafata ingingo bene izo ngo kuko barazwi. Bagasaba reta y'uburundi kwubahiriza agateka k'abanyororo naho boba bagirizwa ivyaha vy'agacamutwe. Kugaburira abanyororo n'abapfungwa ngo kiza ubwa mbere mu burenganzira reta idashobora kubambura.

Tubibutse KO Abo barwanyi babiri bakuwe mw'ibohero rikuru rya mpimba i Bujumbura mu gatondo ko k'uwa 29 Ruhuhuma 2024, baca bajanwa mu biro bikuru vy’iperereza. Imbere yuko abo barwanyi basohorwa ibohero, bakaba babanje gukubarwa n’abapolisi bahagarikiwe n’umuyobozi w’ibohero.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

 

Partager cet article !