• Home
  • ACTUALITÉS
  • Koko abarundi barafise umukuru w’igihugu n’abamufasha ? canke igihugu ntabategetsi kigifise ?

Koko abarundi barafise umukuru w’igihugu n’abamufasha ? canke igihugu ntabategetsi kigifise ?

 

Ico n’ikibazo abatari bake bariko baribaza, inyuma y’amagorwa yo kwiyunguruza muri kino gihe babayemwo mu gisagara ca Bujumbura, aho bisigaye vyabaye akayobera bahinga. Abiyunguruza muri ico gisagara bakaba batakibona imodokari zibunguruza. Abagize Imana bakayironka nabo bakaba bagira kuyiriha amafaranga menshi bakongera bakagenda bapakiwe nk'amavoka mu giseke nkuko bishikirizwa na bamwe mu banyagihugu.

Ivyo vyose bikaba igipolisi kijejwe uruja n'uruza mu mabarabara kirorera. Nayo Abanyagihugu bakaba basigaye babona kw'agateka kabo gahonyangwa atacamira. Mbere abandi bakaba badatinya kuvuga ko ivyo barimwo ngo arigihano kirenze ukwemera bariko barakora bahawe n'intwaro ya CNDD-FDD kandi batazi icaha bakoze bariko barishura.

Ivyo vyose bakaba bavyidoga mukwurira imodokari iyo ishoboye kuboneka, bakaba banigana bigatuma abasuma bikika mu kiza bakanigana ariko bo barondera kwiba amafranga canke amaterefone. N'uwugwaje uwiwe ntakironka uko ashobora kuja kumugarukirako. Vyose bigaturuka kw'ibura ry'ibitoro. Ibintu rero ngo vyananiranye rwose, abantu ntibakibona uko bagiye kubandanya babaho.

Abandi banyagihugu bavuga ko bakwiye kuva hasi ngo bakiyamiriza reta ihari ngo kuko ibintu biriko biraba ngo ata yindi reta yabayeho mu gihugu c'uburundi vyigeze bibako. Ngo ntibabona ivyo barimwo iyindi nzira yo kubivamwo canke kubikira kiretse gusa guheba amagara bakiyamiriza reta ya Ndayishimiye.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !