• Home
  • ACTUALITÉS
  • Umwungere wambere w'ishengero rya Pentekoti i Kiremba, Elie Ndikunkiko yaraye atahutse

Umwungere wambere w'ishengero rya Pentekoti i Kiremba, Elie Ndikunkiko yaraye atahutse

 

Pasteur Elie Ndikunkiko yari Umwungere wambere w'ishengero rya Pantekoti ry’i Kiremba, akaba yari arongoye inama yamashengero ya Pantecote mu Burundi, yaraye asozereye urugendo rwiwe amahoro mu gihugu ca Canata aho yarari mu gisagara ca Ottawa.

Uwo mwubahwa yaraye atahutse, abakiritsu bo mw’ishengero rya Pantekoti mu Burundi, bari bamuzi kandi bamufata nkumuvyeyi w’ishengero, kuko yashikanye abatari bake kugakiza, akaba kandi yaranafashije abatari bake mu buryo bumwe n’ubundi. Pasteur Elie Ndikunkiko, ni umwe mu bapasitori bambere b'ishengero rya Pantecote, bazwi ko bakoreye Imana no mubihe bikomeye, na canecane muri misiyoni za Kiremba, Gitega n’ahandi. Pasitori Ndikunkiko akaba yafatwa nkibuye ishengero rya Pantecote ry’ubakiyeko muri kino gihe.

Uyo mukozi w’Imana, canke intumwa y’Imana nkuko biriko biravurwa n’abamwe, yarangije urugendo rwiwe mugihe yari asanzwe ariko arakora ingendo hirya no hino kwisi, ajanye n’umwungere wambere w’ishengero rya Pantecote ry’ibujumbura, mu bikorwa vyo guhumuriza abakiritsu baheruka kumva indyane zavuzwe mw’ishengero rya Pantekoti mu Burundi, vyo kutumvikana ko babitoreye inyishu biciye mu kumvikana no mu gusabana imbabazi. Nubu akaba yari mu rugendo rw'ivyo bikorwa, mu gihugu ca Canada.

Pasteur Elie Ndikunkiko, naho arangije ibikorwa vyiwe n’urugendo rwiwe rwo kwisi, asanzwe azwi ko yari yarwanye intambara zikomeye ryo kurwanira ishengero rya Pantecote mu Burundi, yanka ko rikoreshwa n’umugambwe CNDD-FDD, nkuko n’ayandi mashengero yigaruriwe nuwo mugambwe. Ntaco atakoze mu guhagarara kw’ijambo ry’Imana asigura ko ishengero rya Pantecote ritivanga nayandi mahanga. Mu butumwa abatari bake bagiye baramwumvako, yasigura ko ivya Sezari vyorekerwa Sezari, nayo ivy’Imana bigahabwa Imana, ko rero atabakozi b’Imana bakwiye kwivanga muvya politique y’igihugu, ko ivya politike bobirekera abanye politike nabo bakabandanya igikorwa bahawe n’Imana co kuvuga ubutumwa bw’iza. Nabamwe muba Pastori bagerageza kuja mu vya politike, babijamwo mumpisho kandi barenze kumpanuro zuwo mukozi w’Imana nkuko vyagiye biribonekeza.

Hasigaye kumenya kwiryo ragi ryiwe ryoba rigiye kubandanya rikwirikizwa, canke ko ishengero rya Pantekote ryoba rigiye kuba nkayandi mashengero yose, ubona ko wawundi yavuze ngo iyo urugi ruvuye ku muryango imbeho irinjira. Bamwe mu bakiritsu ba Pantekote twaganiriye bakaba bavuga ko bigoye kwizera ko ibintu bizoguma bimeze uko vyari bimeze, ngo kuko bamwe mu Pasitori bahora bareka kwerura kubwo gutinya uyo mwungere Pasteur Elie Ndikunkiko, yamara ngo bagakora politike mumpisho.

Hano mu ruganda rwa Radio-Haguruka, tukaba twifatanije n'umuryango w’umwungere Pasteur Elie Ndikunkiko, hamwe n'umuryango w'ama Shengero ya Pantekoti mu Burundi. Tukizera ko Imana Elie Ndikunkiko yakoreye yofasha abakozi b’Imana basigaye kugumya no kugendera kumpanuro n’ubutumwa bamwumvanye mu gikorwa basigaranye co kurongora ishengero rya Pantekoti.

 

Inkuru yanditswe na Jeannette KAMIKAZI.

 

Partager cet article !