Ubutunzi bw'igihugu c'uburundi muri kino gihe bugeze ahatemba

Ishirahamwe OLUCOME rirwanya abarya ibiturire n’abanyonora amatungo ya reta, rivuga ko ubutunzi bw'igihugu c'uburundi muri kino gihe bufise ihungabana ridasanzwe. Ivyo uwurongoye iryo shirahamwe yabivugiye mu kiganiro yagiranye n’abanditsi hamwe n’abamenyeshamakurju kuri uyu musi itariki 08 Rusama 2024. Gabriel Rufyiri akaba yavuzeko iryo hungabana ryaturutse kw'ikena ry'amafranga y'agaciro.

Nkuko bibandanya bivurwa na Gabriel Rufyiri, ingaruka z'ivyo bibazo vyose n'uko ata butunzi bushobora kuboneka mu gihugu, abanyagihugu baca bata ivyizigiro vya kazoza, reta igaca ibura amakori, abakeneye kuja kwivuza mu mahanga ntibibakundira. Mu gihe ivyo vyose bimeze gurtyo, ishirahamwe OLUCOME rirabaza ahajanye inzego zose z'igihugu kuva ku mukuru w'igihugu kuko bibereye mu gacerere katagira uko kangana.

Ikindi basaba mw’ishirahamwe Olucome, ni uko inzego z'igihugu kuva kumukuru w’igihugu zobakira kugira ngo bavugane amaso mu yandi inyishu zihuta hamwe n'iza kure ku bibazo bihanze abarundi. Nayo mugihe mu mugambwe CNDD-FDD babona kw'inyishu izozanwa n'ikawa hamwe n'amavoka. Muri OLUCOME ho babona kw'ico atarico cozana inyishu ya hafi abarundi bakeneye. Mbere ngo bigumye uko bimeze, n’imbonakazoza ivurwa yo mu 2040 na 2060 ku bwa OLUCOME ntishoboka. Uyu musi ubutunzi bw'igihugu c'uburundi bugeze aho umwansi ashaka.

Ivyo rero bikaba biruko mu gihe abasemerera bo mu mirwi itandukanye batahengeshanije kwerekana umuti ukenewe kugira ngo ibintu bije mu buryo bagumye basemerera yamara akagwi k'abategetsi bakomoka mu mugambwe CNDD- FDD bakaba bagumye bica amatwi. Aho ibintu bigeze amazi akaba yaramaze kurenga inkombe kera, n’ikivyerekana akaba arikene ry'igitoro, n’ibindi bintu vyankenerwa nayo ingorane zikaba zabaye umurengera.

Vyanditswe na Don de Dieu Mbazumutima.

Partager cet article !