N’Umuhari Map-Burundi Buhire, wagize ico ushikiriza ku matora ariko arategurwa mu Burundi. Muri uwo muhari bakaba babona ko ayo matora atari akwiye kuba
➡️Kuba amatora ariko arategurwa yaranzwe no gukumira umurwi munini w'abarundi, ni ukuvuga abanyepolitike bari mu gihugu canke n’abari mu buhungiro, akongera akarangwa n’itegurwa ribi mu buryo bwose, n’ikimenyetso cuko atakindi ayo matora agamije kiretse guha ububasha umugambwe CNDD-FDD bwo kubandanya utwara abarundi ubacuritse. Ivyo n'ivyashikirijwe na Emerry Pacifique Igiraneza, arongoye umuhari nkundabikorwa Map-Burundi Buhire. Muri uwo muhari bakaba babona ko ayo matora atari akwiye kuba naho nyene basanzwe babizi ko CNDD-FDD izoyakora ku gikenye.
➡️Ku bw'uwo arongoye Map-Burundi Buhire, umuntu yoba akunda igihugu, aravye ivyirirwa biraba mu Burundi, akaraba ingene umutekano wirirwa urahungabana, akaraba ingene ubutungane budakora, akaraba ingene igiturire ciraye mu bisata bitandukanye vyose, akaraba ingene umurwi CENI ukorera umugambwe uri kubutegetsi, umutekano mu buryo bwose, ntiwotuma iyaba igihugu gitwarwa n’abantu bafise ubwenge bakongera bakiyumvira birukira gutunganya amatora nk'ayariko arategurwa kuko amatora nk'ayo ubwayo ari Crime organisé par le pouvoir, ahubwo bokwihutira kwicarika imirwi itandukanye y’abarundi kugira ngo baganire ingene boshayura uburundi bagatabara abanyagihugu bariko barahura n’akaga.
➡️Mu muhari nkundabikorwa Map-Burundi Buhire, bagahamagarira abanyagihugu bose kubona ko ubutegetsi buhari bwahindutse ikintu kigomba kubagirira nabi kuko bugomba kubategeka ibintu badashaka. Abanyagihugu ngo barerekanye neza ko ayo matora batayashaka igihe banka kwiyandikisha. Ikibabaje rero ngo ni ukubona hariho abanyepolitike bipfuza no kujamwo, kandi bamaze kubona neza ko ubutegetsi budashaka ko habaho amatora. Map-Burundi Buhire igasaba abanyagihugu kutishira mu kaga, nibasabwa kuja gutora ku nguvu ngo baragenda nta kundi, ariko ababona ko bashobora kutayitaba ntibibagireko ingaruka baze bareke kwirirwa barata umwanya kuko ata kamaro ko kuyitaba.
➡️Ivyo hamwe n’ibindi vyinshi vyashikirijwe n’uwurongoye umuhari nkundabikorwa Map-Burundi Buhire, Emery Pacifique Igiraneza, mukaza kubikwirikira mu makuru yo ku mugoroba wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2025. Murahawe kaze, ntimutangwe kuyakwirikira.
Vyanditswe na Don de Dien MBAZUMUTIMA.