Ibikorwa vy’imigambwe iriko iragerageza guhangana n’umugambwe CNDD-FDD, bibandanya kuburabuzwa, muri kino gihe umugambwe CDP urageramiwe bikomeye
Kur'uyu wakane igenekerezo rya 15 Rusama 2025, bamwe mu banywanyi b'Umugambwe w'Inserukarukamvye CDP bari bagiye kwiyamamaza mu ntara ya Rutana muri komine Mpinga-Kayove, babujijwe kubandanya urugendo rwabo bageze muri komine Musongati.
Nkuko bimenyeshwa n’abajejwe kumenyesha amakuru muri uwo mugambwe, itegeko ryo kubuza kubandanya abanywanyi ba CDP urugendo rwabo, ryatanzwe na Musitanteri w'iyo komine. Imvo nazo zasiguwe nuwo mutegetsi, ngo ni kubera imodoka barimwo yaririko iradio (sonorisation) yagenda iravuza indirimbo za CDP hamwe n'amadarapo aranga uyo mugambwe ngo ataruhusha bafise yoguca muriryo barabara kandi bizwi neza ko arigihe co kwiyamamaza kumigambwe yose iri mumyiyamamazo. Abo banywanyi bakaba baciye bugaranirwa hagati y'ibariyeri zibiri (imwe imbere, iyindi inyuma).
Yamara naho abanywanyi b’umugambwe CDP baburabujwe kubandanya urugendo rwabo, hirya no hino mu mihingo yose agize igihugu c’uburundi imiduga itandukanye ya Reta canke yabategetsi batandukanye, yirirwa iranyuragirana iriko n’ama drapo y’umugambwe CNDD-FDD, zigenda ziravuza indirimbo zo gutera ubwoba abanyagihugu. Yamara urumva ko abanywanyi b’umugambwe CDP bobo, harimwo n’Umushingamateka Gaston SINDIMWO batashoboye kwemererwa kubandanya ibikorwa vyabo.
Mugihe abanywanyi b’umugambwe w’inserukarukamvye CDP co kimwe n’abandi banyagihugu biyamiriza bivuye inyuma ako gatotezo kariko karagirirwa abatari mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, n’Umukuru w'uwo mugambwe CDP, Anicet Niyonkuru, ariyamiriza yivuye inyuma iyo ngendo y'indongozi zishaka kuburabuza iyindi migambwe gukora kugira ngo ejo aho bukera abanyagihugu baze bashobore kwitorera indongozi zibushitse.
Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.