Icizere ku Burundi n' abarundi
Intangamarara
Mu buzima, mu bihe vyose iyo ikintu gitanguye, haba hasigaye iherezo ryaco. Ubwatsi buruma bukabisa ubundi, aha turi hari abandi, n'ejo hazoba hari abandi, nta mvura idahita, inkono ihira igihe. Ibi ndabivuga, ntera intege abarundi kuko benshi bari mu mwiheburo. CNDD-FDD ni ikiza kubarundi. Ariko bamenye ko kizorengana, umunezero ugasuburira amarira, umuco ugasubirira umwijima.
Inkingi z' icizere
Uburundi ntibushobora kuba igihugu cisangije ibigishikira. Amagorwa uburundi burimwo hari ibihugu vyo mu karere vyayaciyemwo ariko igihe kiragera birasubira kuba ibihugu bisonerwa, bifise icizere ca kazoza.
Ubrurorero ntiburi kure, URwanda, rwa Havyarimana, MRND irihe? Interahamwe ni gute ? ubu zigeze hehe? Zaïre ya Mobutu, MPR irihe ? Uganda ya Idi Amin Dada murayibuka ? Haïti ya François Duvalier, avec les tontons macoutes (Imbonerakure), vyagenze gute ? ubwo ni uburorero buke muri bwinshi bwabaye kw'isi. Nizo nkingi z’icizere ku Burundi no ku barundi.
Ingendo yoba iyihe ku barundi ?
Igihambaye ku barundi bifuza ko ikiza ca CNDD-FDD gituzwa mu Burundi ni ukugira Ubuntu n ubutwari.
Ubuntu: Mu bihe bibi uburundi buriko buracamwo, aho abicanyi n'abambuzi aribo baronka icicaro n’ijambo, ubukene bwiganje, abantu benshi barashobora kugwa mu mutego w'inda, kutababara abandi, kutagira ikizira, n'ibindi nkivyo. Abarundi babwirizwa kumenya ko uheza kugoka ibigori bikera.
Ubutwari : Hari abarundi bashobora kugumana ubuntu ariko bagatekerwa n'ubwoba kubera ubunyamaswa babona muri CNDD-FDD. Abarundi babwirizwa gutsina ubwoba, bakaba intwari. Ntawosaba abarundi kwiyahurira kuri CNDD-FDD, ariko babwirizwa kugira ubwenge, n'ubwira bwo kugira ico bakoze, naho coba gito ntibaze bakigaye, babaye benshi bigira akamaro. Uvumwa na benshi ugatinda ugatota. CNDD-FDD izotota, maze izobe igicibwa mu burundi.
Umurundi wese yibaze uruhara rwiwe muri ubwo Burundi yifuza, uruhara rw'umwe umwe rurakenewe, kandi amenye ko « Karahara mu ruganda ntibacura ». Uruhara rw'umwe, rubuze birashobora gucereza icizere.
Abarundi twokwirinda iki ?
Mu bihe uburundi buriko buracamwo, vy'akajagari, abanyerondo barashobora kwitirinywa n'ibisuma. Intama ikitiranywa n'ingwe, abantu bariyoberanya, bamwe kuri kamere yabo, abandi kubutumwa bashobora guhabwa.
Ibiyagaya vyose si inzahabu kandi ibisosa vyose si isukari.
Icambere co kwiyubara : Kwirinda gucira imanza abitwa yuko dusangiye ibibazo, no gukwemera ibibavugwako vyose, kiretse hari igikorwa kigaragaza guhinduka kwabo.
Ica kabiri : Kwizera amajambo meza yabo turikumwe atagira ibikorwa, guko gukwirikira abantu nkabo, birazimiza, biratenya, biraca intege. Twemere ko ingabirano zitandukanye. Ko wewe ushobora iki uwundi atagishobora, kandi ko harico ashobora wewe udashobora. Dusenyere ku mugozi umwe. Haguha agaciro ibitutandukanya. Umwe akore ku muvuduko wiwe, ku rugero rwiwe, mu burwaneza.
CNDD-FDD uno musi!
Uno musi biragaragara ko CNDD-FDD igeze ahatemba, biragaragara ko ata murundi akiyizeye, mfatiye kubahunga igihugu bayikorera. Igiti giheze amababi n'amashami, kiba gisigaye guki ? Kiba ari igiti nyabaki ?
Ngiyo CNDD-FDD y'uno musi, ngico ikimenyetso c'icizere ku Burundi n'abarundi h'ejo benshi bifuza. Burundi, Barundi, rema, humura ! Gumya umutima , n'Ubuntu kugira ejo ntituze twicuze !!!
Vyanditswe na Nick