• Home
  • ACTUALITÉS
  • Abanyagihugu bemeza ko batahuye neza ko intwaro mbi ya CNDD-FDD, ariyo yambere kandi ari nayo yanyuma bibaza ko babonye mu gukora ibibi n’amahano nkayo iriko irabakorera. Nayo ngo icivugo kivuga ko hatica ubwoko ko ariko hica intwaro mbi, ngo abaciyumviri

Abanyagihugu bemeza ko batahuye neza ko intwaro mbi ya CNDD-FDD, ariyo yambere kandi ari nayo yanyuma bibaza ko babonye mu gukora ibibi n’amahano nkayo iriko irabakorera. Nayo ngo icivugo kivuga ko hatica ubwoko ko ariko hica intwaro mbi, ngo abaciyumviri

 

Ngo baramutse bazutse agahinda ko bica babonye ivyo barwanya arivyo biriko bikorwa ku rugero runini cane n'ubutegetsi bukomoka mu mugambwe wabo CNDD-FDD. Abo ni bamwe mu banywanyi ba CNDD-FDD babivuga aho kuri uyu musi igenekerezo rya 16 Munyonyo 2025 bari baramutse bibuka abo bita intwari zaguye ku rugamba rwa CNDD-FDD.

Nayo uyu musi ukaba wahimbajwe ku civugo kigira giti: «Intwari ntizipfa zirasinzira, abatwitangiye imbere ku rugamba rw'umuheto batubere urumuri mu rugamba rw'iterambere».

Bahejeje gushira ingori z'amashurwe ku cibutso n'intatemwa za bamwe bashize ubuzima ku rugamba, Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD Révérien NDIKURIYO, mw'ijambo ryiwe yamenyesheje ko abemeye kwitanga kugira igihugu kibe gitekanye nk'uko biri uno  musi bategerezwa kuba akarorero ku basigaye maze babibukire ku butwari bwabaranze.

Umunyamabanga mukuru w'umugambwe CNDD-FDD yasavye kandi abarundi gusubiza amaso inyuma, maze ngo birimbure barabe aho bageze ubu, ngo abitanze ku rugamba kugira abarundi bamererwe neza wari umurimo mwitumo, rero ngo Intwari ntizipfa zirasinzira.

Reveroyano NDIKURIYO yarangije asaba abarundi ko ata wobona itunga ry'igihugu ngo agire akayabagu kuko ngo aba ariko agirira nabi abitanze kugira iryo tunga riboneke. Yanamenyesheje ko hagiye kwubakwa, icibutso gikomeye kandi ciza cane c'intwari zitanze zigasiga ubuzima ku rugamba.

Abari muri ivyo birori vyo kwibuka abo baguye ku rugamba vyabereye muri komine ya Mpanda mu ntara ya Bujumbura, bavuga ko bafise vyinshi cane banegura mu butegetsi bw'umugambwe wabo CNDD-FDD.  Ngo bihaye kubivuga bwokwira bukongera bugaca. Batubwiye bati nduguruye twa mugina. «Inda woyibaza uwayirayeko.

Burya tubonye vyinshi muri CNDD-FDD bitunukira kandi tudafise aho tubivugira kuko boduca imitwe kuko murazi ko bamaze guca imitwe benshi muri twebwe naho abatari muri twebwe bamaze gucibwa imitwe ari benshi cane. Reveriyano we nyene ku mugaragaro yarasavye ko bamushira umutwe wa Kaburimbo, ivyo navyo biri mu vyo twagwanya. Tuzoca umugani, twongere twandike ibitabo abazobaho muri kazoza bazosoma bakumirwa.

Ico twomenyesha abarundi dusangiye igihugu cacu ciza c'uburundi, twarinjiranywe ntitwabimenya. Burya rero, nkuko n'abakera bayamaze bati utinya ingwe ntutinya iyakwinjiranye, dukenyere dusohore ingwe yinjiye mu vy'igihugu iravuba, nayo ahandi abadukomokako bazovuga ko ataciza twabamariye». Ndugaye twa mugina.Niko abo bagumyabanga bo muri CNDD-FDD batubwiye.

Abanyagihugu bemeza ko batahuye neza ko intwaro mbi ya CNDD-FDD, ariyo yambere kandi ari nayo yanyuma bibaza ko babonye mu gukora ibibi n’amahano nkayo iriko irabakorera. Nayo ngo icivugo kivuga ko hatica ubwoko ko ariko hica intwaro mbi, ngo abaciyumviriye bari babiziko CNDD-FDD ari intwaro mbi.

 

Inkuru yanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !