• Home
  • ACTUALITÉS
  • Hari umurundi aherutse kwandika abwira Abarundi ko bakwiye kugira « Identité commune », gukunda noguha agaciro ibintu bibahuza

Hari umurundi aherutse kwandika abwira Abarundi ko bakwiye kugira « Identité commune », gukunda noguha agaciro ibintu bibahuza

 

Nkuko vyasiguwe n’uwo murundi, avuga ko kuva Abazungu « les missionnaires blancs », baza mu burundi, bagashobora kuducanishamwo bafatiye kuvy'amoko, mukubesha Abarundi ko barimwo Abahutu, Abatututsi hamwe n’Abatwa,  ngo Abarundi vyarabagize ko ingaruka imbi cane, gushikaho arivyo  basigaye biyumvamwo cane kurusha kwitwa umurundi.

Kubwiwe, avuga ko bitagarukiye ngaho gusa ku macakubiri y’amoko, ahubwo ngo hariyongereyeko n’ayandi macakubiri afatiye ku ntara hamwe noku miryango. Ngo bihava bica bituma haba ugutosekera cane kwa « conscience de la nation et l'identité commune » yoyo isa nk'iyahambwe kera, ngo  kuko nk'akarero  ibintu vy'amoko ntivyar'ibintu vy'uburundi bwanyaburunga  Ntare Rugamba yarwaniye kugire bubeho, ahubwo ngo vyabaye ibisigi canke iragi abarundi barazwe, basigiwe n’abakoroni. Ngo kandi Abarundi ntidushobora gutera imbere igihe cose tuzobandanya murivyo. « héritage coloniale et on ne peut pas faire un développement aussi longtemps qu'on  continue à se haïr. 

Kudatera imbere si ikibazo c’ubutunzi ubwambere, ahubwo imbere ya vyose n’ikibazo c’akaranga. « Le sous-développement n'est pas une question économique est d'abord une question identitaire ».

« Ubuntu », imwe mu migambwe nk’umugambwe MSD n’amashirahamwe bavuga ko baharanira ko bwogaruka mu igihugu, nabwo nyene  uyu musi bwaratosekaye cane bivanye n’uko gutakaza iyo perte de l'identité commune. Naho biri uko, Abarundi bari bagiriraniye amasezerano ya Arusha afatiye ku bitigiri vy'ubwoko, ibitsina, n’intara. Ayo masezerano mbere akaba yafatwa nk’umushinge w’ibintu vyose abarundi bari gutegerezwa kubakirako.

Ariko kubera ko identité commune yari yaratosekaye birengeje, yongera idushira no mu gasakisaki k'intambara zurutuvanako, gushika nuyu musi ivyo CNDD FDD yashizemwo Abarundi n’uburundi, ni amananiza gushika naho uyu musi akarwi karongoye uwo mugambwe, kagenda karabiba urwanko n’amacakubirimu kwihaya ngo « Carabavunye », kandi bazi neza ko bashitse kuri ubwo butegetsi biciye mu biganiro vyavuyemwo n'ibwirizwashingiro baje noguhindura munyuma, ivyahavuye bituma ya identité nationale isubira guhonyangwa bikabije, abarundi bagaca basubira kuja mumarushwa batari bwigere babona kuva uburundi bwakabaho. Intwaro ya ryogora duhure akaba ariyo yaciye ihangama mu igihugu, bitera umurwi w »abarundi basubira kuba impunzi, vyongera binavyara n'imihari isubira guhitamwo gufata ibirwanisho nka RED-Tabara.

Uyo murundi yibutsa icivugo ca Martin Luther King, aho yavuze ati : nduguruye twamugina « Tubwirizwa kwiga kubana nka bashiki n’abavukanyi, ahandi ho twese tuzopfa nk’ibijuju ». Ndugaye twamugina. « Nous devrons apprendre à vivre ensemble comme des sœurs et frères, sinon nous allons mourir tous comme des idiots ». Citation de Martin Luther King.

Kubera ivyo vyose, uyo murundi asaba ko imirwi itandukanye y’abarundi, irimwo imigambwe ya politique, amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politique, abanya mashengero, abamenyeshamakuru eka n’imirwi yafashwe ibirwanisho nka Red-Tabara, ko uyu musi bari bakwiye kurengera ibintu vyose bibatandukanya, bagahagurukira icarimwe bakaja mu rugamba rwo guharanira kugarukana kirazira hamwe nogufatana  mu nda bigizwe nogusabikanya ivy'igihugu ata mwana n'ikinono biciye mu intwaro ibereye. Hadasigaye inyuma ko muvyo iyo mirwi yose uyu musi irwanira harimwo ko hogaruka iyo identité commune  yabuze mu Burundi.

Uyo murundi akaba ahamagarira Abarundi benewabo, gukunda noguha agaciro ibintu bibahuza. 

Vivre libre ou mourir ! Nous vaincrons.

Partager cet article !