• Home
  • ACTUALITÉS
  • Red-Tabara ivuga ko amahoro ariko araronderwa muri Congo biciye mu biganiro vya Amerika na Quatar azotsimbatara, ari uko Uburundi buganiririye n'abatavuga rumwe nayo mu vya politike, abafashe ibirwanisho, ndetse n'amashirahamwe yigenga

Red-Tabara ivuga ko amahoro ariko araronderwa muri Congo biciye mu biganiro vya Amerika na Quatar azotsimbatara, ari uko Uburundi buganiririye n'abatavuga rumwe nayo mu vya politike, abafashe ibirwanisho, ndetse n'amashirahamwe yigenga

 

Umuhari Red-Tabara uriyamiriza ivyashikirijwe n'ibiro bikuru vya gisirikare c'uburundi ku wa 26 Munyonyo 2025 ko umuhari Red-Tabara uri mu runani rw'imigwi yitwaje ibirwanisho rugizwe na FNL ya Nzabampema, AFC/ M23, Twirwaneho n'iyindi. Red-Tabara ibicishije mw'itangazo ryo kuri uyu wa 03 Kigarama 2025, ivuga ko yongeye kwibutsa ubugira kandi ko ata runani narumwe irimwo, ibituma iri ku rugamba ubu ngo birazwi neza na reta y'uburundi hamwe n'amakungu.

Red-Tabara yibukije kandi ko urugamba rwayo rushigikiwe n'abarundi gusa batahura kw'icatumye ibaho ari ukugarukana amasezerano ya Arusha yahonyanzwe n'intwaro ya cndd-fdd  bigatuma haba ingorane mu vya politike mu Burundi kuva mu mwaka wa 2015. Ku bw'ico, Red-Tabara ikavuga ko vyumvikana ko ataho ihuriye n'imigwi yitwaje ibirwanisho yadondaguwe n'ibiro bikuru vya gisirikare c'uburundi mw'itangazo biherutse gushira ahabona.

Red-Tabara yaboneyeho akaryo ko kwibutsa ko umuti urama w'indyane ziri muri Republika iharanira demokarasi ya Congo uzotuma akarere kose kagira amahoro. Vy'umwihariko, Red-Tabara ivuga ko ari ngombwa ko inyishu y' ingorane za politike n'umutekano mu Burundi itorwa mu buryo bufatanye n'utwigoro turiko turakorwa mu vya Republika iharanira demokarasi ya Congo.

Red-Tabara igaheraheza itangazo ivuga ko rero uruhara ari urw'amakungu yahagarariye amasezerano ya Arusha rwo  gutuma intwaro iri mu Burundi iganira n'abatavuga rumwe nayo mu vya politike hamwe n'abafashe ibirwanisho, ndetse n'amashirahamwe yigenga. Ku bwa Red-Tabara aho ngo niho amahoro ariko araronderwa muri Republika ya Congo iharanira intwaro rusangi biciye mu biganiro muri amerika na Quatar azotsimbatara.

Ku bivugwa muri Congo nyene, ibiro bikuru vy'igisirikare c'ico gihugu vyaraye bisohoye itangazo  kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 02 Kigarama 2025 aho bimenyesha ko muri kino gihe gihambaye aho amakungu aciye kuri Reta zunze ubumwe za Amerika hamwe n'igihugu ca Qatar ariko akora ibishoboka vyose ngo hagaruke amahoro mu buraruko no mu bumanuko bwa Kivu, vyagiriza urunani AFC/M23 guhonyanga amasezerano yo guhagarika intambara, ivyo biro bikemeza kandi ko AFC/M23 ifashwe mu mugongo n'urwanda. Muri iryo tangazo, ibiro bikuru vy'igisirikare ca Congo vyemeza ko kuva mu gatondo k'uwa 02 kigarama 2025, abasirikare b'urwanda hamwe na bagenzi babo bo mu runani AFC/M23 bagwijije ibitero ku birindiro vy'abasirikare ba Congo biri Kaziba, Katogota na Lubarika muri kivu y'ubumanuko.

Igisirikare ca Congo kikavuga ko ivyo bitero vyerekana ubushake bwo kwanka amasezerano y'amahoro y'i Washington n'i Doha, no kugwiza n'ubusa n'ibigirankana utwigoro two kugarura amahoro mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Congo.

Naho biruko, igisirikare ca Congo gihamagarira abanyagihugu kuguma batekanye. Ingingo zose zikenewe ngo zarafashwe kugira AFC/M23 ngo irangwa n'ikibi ntitere intambwe. AFC/M23 yama yahakanye ko idafashwa n'urwanda, nayo ikaba yagiriza reta ya Congo hamwe n'abayifasha intambara barimwo abasirikare b'uburundi n'imbonerakure kuba aribo barenga ku masezerano yo guhagarika intambara. Vyose biruko mu gihe aho bukera bitegekanijwe ko hasinywa amasezerano hagati ya Congo n'urwanda ku bijanye n'izo ndyane zivugwa muri Congo.

Abatari bake bakaba bariko bavuga ko ikibazo c'umutekano w'akarere gikwiye kwicarirwa n'ibihugu vyose biri mu karere, uburundi n'abatavuga rumwe na reta, amashirahamwe yigenga badasigaye inyuma.

 

Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.

Partager cet article !