Reta y’uburundi cane cane umukuru w’igihugu, baraye bambaye ibara, aho ibihumbi n’ibihumbagiza vy’abasirikare bari barungitse kurwanya umuhari M23 baraye bakubiswe buyoka bagatako bagahunga nk’imbeba zibonye ubuyabu

Abanyekongo baba mu gisagara ca Uvira baraye bakiranye akanyamuneza kenshi abarwanyi ba M23 inyuma yaho ku mugoroba w'uyu wa 09 Kigarama bafatiye ico gisagara. Kuri uyu musi kandi hari hafashwe ahitwa kiliba, igice kiri ku birometero 15 n'igisagara ca Uvira. Inyuma y'umutaga w'uyu wa 09 kigarama 2025, abasirikare benshi b'igihugu ca Congo bakaba bari bavuye ni ngoga na ningoga mu gisagara c'ubuvira, bamwe bagiye ahitwa Fizi abandi ahitwa Kalémie.
Bikavugwa ko hari na bamwe bataye barajabuka mu Burundi aho barimwo aba wazalendo. Eka n'abasirikare b'uburundi bariko bafasha igisirikare ca Congo n'abawazalendo kurwana, nabo nyene birutse basubira mu Burundi. Hari n'amakuru avuga ko abasirikare bakuru ba reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo bayobora urugamba bari i Bujumbura baciye bahitamwo kuhava bagenda i Kalemie mu ntara ya Tanganyika n'i Lubumbashi muri Katanga.
Ifatwa rya Uvira rirabaye inyuma yaho uwurongoye FOCODE, mu kiganiro co kuri uyu w'Imana uheze igenekerezo ry'07 Kigarama 2025 ku buhinga bwa none yamenyesheje ko kazoza ka Ndayishimiye gashobora kuba gahagaze kuri Uvira. Ifashwe ko atazoronka ico asigurira abarundi uravye amajambo amaze igihe ashikiriza kuri izo ntambara mu gihe yagumye ahanurwa kureka gusuka kurisongoye abana b'uburundi ntavyumve, nkuko vyasiguwe na Pacifique Nininahazwe.
Ifatwa rya Uvira kandi ribaye mu gihe Abarundi baba mu bice vyegereye igihugu ca Republika iharanira demokarasi ya Congo, baguma basaba Reta y’Uburundi gutahukana abasirikare bose barungitswe ku butaka bwa Congo, kugira baze gucungera umutekano w’igihugu cabo c’amavukiro, mu gihe bimaze kugaragara ko watanguye guhungabana.
Ivyo babishikirije inyuma yo kwumva ivyatangajwe n’umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kur’uyu wambere. Uwo mutegetsi yasavye abanyagihugu kubandanya barangura ibikorwa vyabo atamutima usimba, ngo kuko imbibe z’igihugu zicunzwe bikwiye.
Bamwe n'abandi bakavuga ko babicishije kuri radio haguruka bari bamye bamenyesha reta y'uburundi ko idashobora gutsinda intambara yananiwe n'akarere ka EAC, SADEC, n'abazungu karuhariwe mukurwana. Abo banyagihugu bakaba babandanya guhanura reta ya Ndayishimiye gufata inzira y'ibiganiro n'abafashe ibirwanisho bo muri Red-Tabara hamwe n'abatabifashe barimwo abari ku mashirahamwe yigenga n'abanyepolitike mu ntumbero yo gutorera umuti ibibazo bihanze uburundi mu vya politike no mu vyerekeye ubutunzi. Atari uko, iyo reta ngw'ishobora kuzokwicuza nkuko biyigendeye ku ntambara yasutsemwo abana b'uburundi muri Congo, kandfi ko abarundi batokwama bafata minenerwe ububeshi hamwe no gusiga inkore kumaso abanyagihugu biranga abategetsi bakomoka mu mugambwe CNDD-FDD, maze ngo bashire inguvu hamwe biganzure intwaro y’uwo mugambwe.
Vyanditswe na Don de Dieu MBAZUMUTIMA.









